Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ivyumba vy’amareresi nka kimwe mu bigwiza ubujuju, ubuhumbu n’ubushurashuzi

Abarundi baretse gukunda ireresi zakinwe n’ab’iwabo, ariko barakunda amareresi muri rusangi. Ivyumba vy’amareresi bikwiragiye irya n’ino mu gisagara ca Bujumbura, ndetse no hagati mu gihugu. Uburyo ivyo vyumba bitunganijwe n’amareresi vyerekana bijana habi Uburundi, hamwe ata cokorwa.

Ibarabara rya cumi na rimwe, muri zone Cibitoke ya komine Ntahangwa, ryonyene rifise utwumba dutanu twerekana amareresi. Kw’ibarabara rya kabiri muri zone Bwiza ya komine Mukaza, ni tune kw’iryo barabara rimwe. Utembereye mw’utwo twumba, tumwe usanga twubakishije imbingobingo, utundi atadirisha tugira, abariyo intuguta yabarenze, hakamota na nabi. Icibagiwe co n’ukubaza utuzu twa surwumwe. Umuhinyanyuzi akaba n’umwigisha w’amareresi muri kaminuza, Eloge Nzeyimana atazira ivyo vyumba ngo « ni ivyumba nyeshamba ».

Amafaranga imbere ya vyose

Uhaciye ku muhingamo, wogira ngo n’amasomero. Haba hakoraniye abanyeshure bavuye ku mashure bakicambaye n’umwambaro w’ishure, barabana igishika cinshi urutonde rw’amareresi aza kwerekanwa. Souleyman*, umwe mu berekana izo reresi, ngo amafaranga niyo bashira imbere. Agira ati: «Mu gihe hari ireresi zinjiza abakiriya benshi nk’izijanye n’ingumu, urusoro hamwe n’iz’urukozasoni, ni zo dukunda kwerekana kuko zituma twinjiza amafaranga menshi tutitayeho ivy’imyaka y’abaje kuziraba, bakira kuba barishe gusa ».

Mu gihe ivyokwerekana amareresi bigengwa n’ingingo ya 41, 42, 43 na 44, mu gace ka kane k’itegeko n°1/19 ryo kuwa 14 nyakanga 2018, Souleyman yanyagiye ko mu myaka icenda amaze muri uwo mwuga, atari azi ko hariho itegeko riwugenga, uretse irimusaba amakori, ndetse ko atirigera abona abagenduzi baza gusuzuma ivyo yerekana.

Benshi baranegura imikorere y’ivyo vyumba

Ku bwa Madelena Nteturuye, umwarimu kw’ishure ry’intango rya Kamenge, ngo ivyo vyumba birageramiye ubumenyi bw’abo yigisha. Agira ati: « Nka twebwe nta n’imetero ijana zitandukanya ishure n’icumba c’amareresi, gutyo mu gatondo abana batonze kw’ishure bijijanya imitima hagati y’ukubandanya kw’ishure canke gukatira mw’ireresi, ubona ko ivyo vyumba bitagira amasaha yo kwugurura no kwugarirako, ari naho hahera ingeso yo gusiba canke yo guheba ishure, tutibagiye ugutituka kw’ubumenyi bw’abana bahurumbira ben’ivyo vyumba ».

Ivyo birashimangirwa na Davidi Ninganza, asanzwe avugira ishirahamwe ry’urwaruka gikristu ryitaho amahoro n’ineza y’ibibondo. Kuri we, imibereho n’ivyiyumviro vy’urwaruka rw’ubu ndetse n’igihugu cose, birageramiwe n’ivyo vyumba vy’amareresi. Agira ati: « Ububasha bw’amasanamu butuma ivyo bakura mw’ayo mareresi vyinjira cane kurusha ivyo bigira mw’ishure, gutyo bigatitura ubumenyi, bikarwiza ubujuju, ubuhumbu n’ubushurashuzi. Aho naho tutavuze ko amahera bajanayo ari ayo biba abavyeyi canke ababanyi, bikanasubiza inyuma igihugu mu gihe na bamwe mu bakuze botegerejwe kuba bariko barakora, usanga bicaye mw’ivyo vyumba ataco bariko barahereza iminwe atari ukuryohera amaso gusa, kuva mu gatondo gushika ryitereye ».

Kuri jewe, hosohorwa ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bugena amasaha y’ukwugururira kw’ivyo vyumba vy’amareresi, nk’uko bwabigize ku vyumba vy’amasengesho, vy’ubutambiro hamwe n’ubunywero. Abajejwe intwaro ku mazone, borwiza kugenzura ivyerekanwayo, ivyegereye amasomero bikimurwa, hama amategeko abigenga akamenyeshwa ba nyene ivyo vyumba ku neza y’ababihurumbira. Hamwe ata cokorwa, imbere si heza ; na kare ngo « wanka kugarura intungwa ikiri hafi, yamara kurenga imirambi ukabira nkayo. »

 

Quitter la version mobile