Abarundi baretse gukunda ireresi zakinwe n’ab’iwabo, ariko barakunda amareresi muri rusangi. Ivyumba vy’amareresi bikwiragiye irya n’ino mu gisagara ca Bujumbura, ndetse no hagati mu gihugu. Uburyo ivyo vyumba bitunganijwe n’amareresi vyerekana bijana habi Uburundi, hamwe ata cokorwa.
Ibarabara rya cumi na rimwe, muri zone Cibitoke ya komine Ntahangwa, ryonyene rifise utwumba dutanu twerekana amareresi. Kw’ibarabara rya kabiri muri zone Bwiza ya komine Mukaza, ni tune kw’iryo barabara rimwe. Utembereye mw’utwo twumba, tumwe usanga twubakishije imbingobingo, utundi atadirisha tugira, abariyo intuguta yabarenze, hakamota na nabi. Icibagiwe co n’ukubaza utuzu twa surwumwe. Umuhinyanyuzi akaba n’umwigisha w’amareresi muri kaminuza, Eloge Nzeyimana atazira ivyo vyumba ngo « ni ivyumba nyeshamba ».
Amafaranga imbere ya vyose
Uhaciye ku muhingamo, wogira ngo n’amasomero. Haba hakoraniye abanyeshure bavuye ku mashure bakicambaye n’umwambaro w’ishure, barabana igishika cinshi urutonde rw’amareresi aza kwerekanwa. Souleyman*, umwe mu berekana izo reresi, ngo amafaranga niyo bashira imbere. Agira ati: «Mu gihe hari ireresi zinjiza abakiriya benshi nk’izijanye n’ingumu, urusoro hamwe n’iz’urukozasoni, ni zo dukunda kwerekana kuko zituma twi...