Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Ukunanirwa ni intambwe idushikana ku ndoto zacu»

Umwaka ugiye kurangira. Benshi muri twebwe twawutanguranye imigambi myinshi. Bamwe vyagenze neza, abandi barananiwe. Igikunda gushika ni uko bene kunanirwa baca bihebura. Si uko vyategerezwa kugenda. Ng’uku uko twategerezwa kubona « uruhombo » mu vyo dukora. 

Ushobora kuba uri mu batanguranye umwaka imigambi myinshi. Nkumbure, imwe muri yo yarahuye n’intambamyi utitegurira, nk’uko vyama mu buzima bwa misi yose. Akenshi, bene izo ntambamyi ziza giturumbuka, ariko zigatuma imigambi umuntu yariko arakora icumbagira canke igahenebera burundu. 

Ingaruka z’urwo ruhombo zisiga ibikomere muri mwene gutakaza, amadeni n’izindi ngorane nyinshi. Ikibabaje, hari abaca bagarukiriza ngaho imigambi yabo, nk’uko womengo ubuzima burahagaze. Muti none ni gute umuntu yokwifata iyo yahuye n’ingorane mu vyo yarangura? 

Ng’izi impanuro za Pascual sylvaine, umuhinga mu bijanye n’inyifato mu kazi

Ni gake umuntu ashika kw’iterambere rikomeye atabanje kunanirwa. Twari dukwiye kwakira bene izo mpanuka nk’aho ziri mu bigize ubuzima bw’ukurangura imigambi kurusha ukunanirwa. Uburyo bwiza bwo kwifata muri ivyo bihe ni ukumenya ikibanza umuntu akwiye guha urwo ruhombo canke izo ngorane. N’aho yohura n’ibibazo bingana gute, ntakwiye kuguma yiyugaraniye muri uwo muzingi w’ingorane.

Ni uko rero, iyo umuntu ategura imigambi, arategura n’ubuhinga canke ingingo ngenderwako azokwisunga kugira ashike kw’ihangiro yihaye. Aho benshi bihendera, bishira mu mutwe ko ari ngombwa bigende neza. Baribagira ko gufata ingingo bidasigura ko zitegerezwa kumushikana ku ntsinzi ; na canecane ko hariho bimwe mu vya ngombwa twama tutazi iyo bizozanana canke ngo tumenye ingene ibihe vyo muri kazoza bizoba bimeze. 

Iyo asuzumye neza, agasanga ukunanirwa yagize ntivyavuye kuri we, siwe aba yananiwe, ahubwo haba hananiwe ubuhinga yakoresheje. Ico aca akora ni ugusubiza amaso inyuma agahindura impinyanyuro z’ubwo buhinga. Umuntu akwiye kumenya gutandukanya ubuhinga akoresha mu kurangura imigambi nawe nyene ubwiwe. Ukunanirwa ni intambwe idushikana ku ndoto zacu.

Umuntu agaheza akivyukiranya, inyuma y’uruhombo

Umuhinga Jean- Noël Chaintreuil nawe ati : ukwivyukiranya ni vyiza, mugabo iyo umuntu yabanje gufata umwanya wo kwakira ivyamubayeko ; uruhombo yagize. Ni muri uwo mwanya nyene akuramwo inyigisho nyinshi, nk’imvo zatumye ananirwa, kugira ntaze asubire kugwa muri bene uwo mutego. Umuntu amaze kwirimbura neza akiha umwanya wo kuruhuka, araheza agahindura ubuhinga yakoresheje, maze agusubira gukora.

Umuntu akwiye kwiyumvira ko ashobora kunanirwa n’igihe biriko bigenda neza. Iki kintu kirakomeye cane, kuko gituma umuntu amenya ko ubwenge bwiwe bwonyene budahagije kugira ashike kw’ihangiro yihaye, ahubwo ubwo bwenge bufatanya n’impinyanyuro zibereye kugira bikunde. Gutyo rero, aca agendana amakenga, agahora arondera igihe cose icotuma ashika ku ntsinzi.

Kuganira  imigambi muriko murarangura n’abo musangiye akazi, umuryango wawe n’abagenzi, naco ni ngirakamaro ; kuko iyo vyose vyanse, ni bo usigarana, bakakuba hafi, bakakuremesha. Ikindi gikomeye cotugirira akamaro  ni uko, iyo umuntu abonye umugambi yariko ararangura uriko urahomba, adakwiye kubandanya kuwihatirako  ngo ni uko yabona urimwo inyungu nyinshi. Akwiye guhagarika, kugira agire na bikeya arokoye. Ntakwiye na gatoya kwirengagiza aho ubushobozi bwiwe bugarukira. 

Muri make, itandukaniro riri hagati y’abananirwa n’ababishobora, abo bambere baragira uruhombo bagaca babivamwo vyose, mu gihe aba kabiri, iyo bananiwe, bibabera akaryo ko kwiga n’uguhindura imikenyuro, bakabandanya. Ariko muri vyose, ukugendana amakenga ni ngombwa, haba mu ntsinzi canke mu ruhombo, kugira umuntu ntiyibohere ku vyananiranye ; kuko navyo bibaho. 

 

Quitter la version mobile