Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#KwitunganirizaImigambi : impanuro ngenderwako

« Uwufise umugambi wese ntiyitinye, ni atangure ariko yirinde gutambikiza n’ukugenza umutwe nk’uruyuzi » ; Pierre-Claver Nduwumwami, umuhinga mu vyo gutunganya imigambi akaba anarongoye ikigo BBIN, aratanga impanuro ku bitunganiriza imigambi. Uwuri n’amatwi ni yumve.

Urwaruka rwama ruhamagarirwa kwitunganiriza imigambi kubera ubuzi bwakenye. Ariko ivyo ntibikunze kworohera bose. Kugira umuntu atunganye umugambi hanyuma utere imbere nk’uko abigomba, hari ibintu ategerezwa kwitondera.

Ivyo ni vyo bimutuma adakora ikosa abandi bakoze, agaca mu nzira nziza izomushikana ku ntambwe. Nico gituma twegereye umuhinga asanzwe arongoye ikigo kizobereye muri ivyo bikorwa, ndetse kikaba gihora gifasha n’abandi; ni kugira atange impanuro ku babitanguye, eka mbere  n’abatarabitangura bumvireho.

Umugambi ni iki ?

Umugambi ni ico ushaka gushikako. Kugira ugire aho ushika, urabitegekanya. Ukamenya uburyo bizotwara, uwuzogufasha kubishikako, n’ingene uzokwunguka. 

Umugambi uratandukanye cane n’icipfuzo. Umuntu aripfuza aryamye canke yiyicariye, ariko umugambi wowo umuntu aba abona neza ishusho y’ico agomba gukora. Agaheza akava mu vyiyumviro, akaja mu bikorwa.

Uwipfuza yitega abamutera intege, nawe atateye n’intambwe n’imwe. Uwo rero nta na kimwe aheza ngo ashikeko, mu gihe uwukora umugambi nawe akora ari ibikunda bigakunda ari ivyanka bikanka yagerageje. Araheza agahinyanyura ahari agahaze.

Zimwe mu ntambamyi zikunze gushikira abategura umugambi

Ni nyinshi cane. Ariko iyiza imbere ni ubumenyi buke. Kenshi uwugize iciyumviro aca ashaka kugishira mu ngiro ubwo nyene, kumbure atanacanditse ngo akigire umugambi wubatse neza. Akigana abandi yabonye babikoze, ariko we atabiteguye neza. Ni kwo kugenza umutwe nk’uruyuzi.

Iyindi ntambamyi ni uburyo. Ubwo buza mu nyuma, kuko si co gihambaye cane. Igikomeye ni umutima. Hari n’abahora baja mu mahiganwa y’imigambi, bagatsinda, mbere n’amahera y’agashimwe bakayaronka, mugabo bumva akazi ahandi, bagaca bigirayo, umugambi bagaheba. Nta muhamagaro baba babifitiye.

Abamaze kumenya uko bikorwa nabo, igikunda kubabera intambamyi ni uko batinya gutangura. Kenshi usanga uwufise umugambi awugomba wose uko wanditse harimwo imodoka, abakozi, imashini nyabwonko, n’ibindi. Abonye atabironse uko, agaca atinya gutangura.  Agapfuma aja aratonda iyo bamurangiye akazi, atazi ko bari bunakamuhe.

Ikindi naco gikunda kuba intambamyi ku bitunganiriza imigambi ni ubutunzi bw’igihugu. Bivanye n’uko bwifashe, umudandaza arakenera kugurisha ariko akabura ababigura. Yabaronka naho agakorera guhomba, n’ibindi. 

Ntitwokwibagira uruhara rw’abajejwe intwaro mw’irangurwa ry’imigambi twitunganiriza. Aha mu gihugu cacu, abajejwe intwaro bogerageza igihugu  ntikibe nyamwigendako. Na kare, uwo ntarimira impeshi.

“Nta wutamba atambikije”

Hari abatinya ngo boca babaho nabi, e mama ngo baheruka kurongora, ngo bafise abana bato…; maze bagatangura umugambi, bakawubangikanya n’akandi kazi ku ruhande. Ivyo bagumye bavyitwaza, mu nyuma, bazosanga imyaka yabaheranye ataco bimariye. 

Ni ko, hari ababa barabifatanya n’akazi bafise, ariko imigambi yabo ikaba irafata intumbero, imbere yo guhagarika ako bahorana. Mugabo rero, ugutambikiza ni bibi. Uravye nabi urahanyuka. Ntushobora kuba uri umukozi wa Reta canke ukorera abigenga, ngo ushire mu ngiro uwundi mugambi neza. Bishobora kugupfana vyose. Ntaco usanga ukoze uko categerezwa.

 

Quitter la version mobile