Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Imiriro ya nyakanga : umengo nta cabaye, yamara…

Haraciye ukwezi kurenga gato, igihe c’ici kirangiye. Ivy’iyi miriro nta wigeze abica n’ikanda; nk’uko womengo nta cabaye. Ariko, aho mu ntara zimwe zimwe, na canecane izirangwamwo ubworozi bw’inka, imitumba yaraturiwe, bene kubikora bagamije kuronka imiyonga baragiramwo ku mutasuro. Naravyiboneye.

Imisozi nka Mutsibo, Gasanga, Buzirambiya yo muri zone na  komine Rutovu; imisozi Nyamiyaga na Mutwenzi yo muri zone Muzenga ya  Komine Rutovu nyene; igitara kinini gicamwo uruzi Ruvyironza, kikaba cegukira ikigo ISABU, kiri hagati ya zone Mahwa muri Komine Ryansoro ya Gitega na Komine Songa ya Bururi; aho hose, ahahora harangwa urwatsi rubisi, ubu harangwa umuyonga. 

Naje nabibonye ejo bundi, aho nariko ndarengana mu mitumba yo hagati mu gihugu, maze ngahimbarwa n’ukubona ingene imisozi y’Uburundi bwacu itonyanga itoto. Navuye i Bujumbura nteguye gushika mu Rutana nciye i Mwaro n’i Bururi. Ariko rero bugorovye, nkabona imwe muri iyo misozi iriko irasha. Numvise mbabaye, nkibaza iyo ubwo bwenge buke bufatira bene kuhaturira. 

Iyo bamenya!

Umutama Nyabenda Karori, yababa imyaka mirongo irindwi, namusanze ku musozi Nyakazu wo mu ntara ya Rutana; n’aho nyene hari haraye haturiwe. Agira ati: “ivyo si bishasha na gato. Twakuze tubona baturira. Babigira barondera umuyonga w’inka. Bahengera hegereje umutasuro, ivyatsi n’ibiti vyumye bagaca babiturira, kugira imvura itasuye izoce imeza ubwatsi bwiza; buremvye.”

Nk’uko abahinga mu vy’imenyeshantara babisigura, iyo miriro ituma isi itutuka, ntibe ikimera, kuko bimwe mu binyabuzima vyatuma isi imera bitikirira muri iyo miyonga. Aho ntitwokwibagira ko n’inkukura idateba ku musozi baturiye umuyonga, nayo amashamba akahahonera. Ntitwokwibagira ko ukurungika ivyuka bibi mu kirere vyonona impwemu duhumeka; bikaba inkomoko. 

Ikindi kibabaje, ni uko ivyo biri uko, mu gihe Uburundi ata buhinga bwo kuzimya mwe n’iyo miriro bufise. Noneho ivyo bigatuma, iyo hagize umugizi wa nabi aramutse aturiye, uwo muriro uzokwaka, wo nyene utebe wizimye; bisigura ko amahegitari aba ahiye ataba ari make; nk’uko uno murinzi w’ishamba cimeza ryo ku Ruvubu yigeze kubisigura mu masanamu yavuga kuri iyo ngorane, mu 2016: 

Feux de brousse, un mal récurrent au Burundi

Twikebuke!

Ingingo za 97 na 101 z’itegeko rikingira amashamba zivuga ko “kizira kikaziririzwa guturira amashamba; ko kizira gukorera canke kureka ibitungwa kurisha mu bitara vyaturiwe.” 

Iryo tegeko nyene riha uburenganzi komine yose guhana uwufashwe aturira amashamba. Amahadabu arategekanijwe, mbere n’umunyororo ukaba urimwo. Mbega yemwe! Nta kuntu ryoshirwa mu ngiro? 

Ikindi cofasha cane kwoba uguhimiriza abenegihugu, bakigishwa cane ko kwonona ibidukikije bifise ingaruka mbi nyinshi haba mu gihe ca hafi canke muri kazoza. Na mwanya hari abirigwa barita ku rutare batera ibiti, nta gusasira indava abakomeza kudusubiza mw’ihumbi.

 

Quitter la version mobile