LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Imiriro ya nyakanga : umengo nta cabaye, yamara…

Haraciye ukwezi kurenga gato, igihe c’ici kirangiye. Ivy’iyi miriro nta wigeze abica n’ikanda; nk’uko womengo nta cabaye. Ariko, aho mu ntara zimwe zimwe, na canecane izirangwamwo ubworozi bw’inka, imitumba yaraturiwe, bene kubikora bagamije kuronka imiyonga baragiramwo ku mutasuro. Naravyiboneye.

Imisozi nka Mutsibo, Gasanga, Buzirambiya yo muri zone na  komine Rutovu; imisozi Nyamiyaga na Mutwenzi yo muri zone Muzenga ya  Komine Rutovu nyene; igitara kinini gicamwo uruzi Ruvyironza, kikaba cegukira ikigo ISABU, kiri hagati ya zone Mahwa muri Komine Ryansoro ya Gitega na Komine Songa ya Bururi; aho hose, ahahora harangwa urwatsi rubisi, ubu harangwa umuyonga. 

Naje nabibonye ejo bundi, aho nariko ndarengana mu mitumba yo hagati mu gihugu, maze ngahimbarwa n’ukubona ingene imisozi y’Uburundi bwacu itonyanga itoto. Navuye i Bujumbura nteguye gushika mu Rutana nciye i Mwaro n’i Bururi. Ariko rero bugorovye, nkabona imwe muri iyo misozi iriko irasha. Numvise mbabaye, nkibaza iyo ubwo bwenge buke bufatira bene kuhaturira. 

Iyo bamenya!

Umutama Nyabenda Karori, yababa imyaka mirongo irindwi, namusanze ku musozi Nyakazu wo mu ntara ya Rutana; n’aho nyene hari haraye haturiwe. Agira ati: “ivyo si bishasha na gato. Twakuze tubona baturira. Babigira baronde...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Angola : les chauffeurs de taxis suspendent leur mouvement de grève

RFI AFRIQUE

Comment la Norvège transforme les criminels en bons voisins

BBC AFRIQUE

Les enfants de la rue :un problème à résoudre dans l’immédiat

RTNB BURUNDI
Verified by MonsterInsights