Ejo bundi haribonekeje ukutumvikana kw’ikoreshwa ry’ijambo “imbanyi” ku mwigeme yibugenze atarubaka. Bamwe bakabona ko iryo jambo ryisoneye, rikwiye gukoreshwa ku mukenyezi yubatse gusa. Nayo ku mwigeme, hagakoreshwa ayandi, rimwe na rimwe atamuhesha agaciro. None ivyo biva kuki ? Vyoba bikwiye kuguma uko ? Umuco.
Vyaturutse ku kiyago caciye ku rubuga rwa Facebook rwa Yaga, cari kigamije gusabikanya ivyiyumviro ku bibazo bikurikira : Mbega urwaruka rurafise ubumenyi bukwiye ku bijanye n’uburyo bwo kwirinda imbanyi bene izo [imbanyi zitifujwe]? Ni ubuhe buryo bwo kwikingira imbanyi zitipfuzwa muzi ? Bukoreshwa gute ?
Hari mu ntumbero yo kuzirikana kuri ico kibazo, mu gihe indwi ya nyuma y’ukwezi kwa nyakanga isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kwikingira imbanyi zitipfujwe mu gukoresha uburyo bubuza gusama.
Iryo shimikiro ry’ikiganiro ryapfuye kuja ku rubuga, abakunzi ba Yaga batandukanye baca batangura gukebura uruganda rw’iyandikiro rwa Yaga bati : “nyabuna nyabuna iryo jambo imbanyi ntirikwiriye gukora ku bigeme batarubaka”. Koko?