LE JOURNAL.AFRICA
CULTURE

Intambo z’ikirundi : vyinshi mutari muzi kuri izo nkingi z’umuco wacu

Mu Burundi dufise intambo nyinshi zitandukanye kandi ziteye igomwe. Zikomoka mu mihingo itandukanye y’igihugu, zigatambwa na bose, abato n’abakuze.  None izo ntambo zoba zitambwa mu gihe ikihe ? Zikomoka mu turere utuhe ? Umupfasoni Christine Ndayizeye, umutamvyi yabigize umwuga akaba ari mu batanguje umugwi ndangakaranga “Abagumyabanga”, araduha umuco.

Uno musi, turumva havugwa ngo intambo z’ikirundi, iz’akaranga,… tukazikoresha mu kuryosha ibirori bitandukanye nk’imanza z’ubugeni n’iyindi misi mikuru itandukanye. Kuzibona zitambwa vyonyene umenga birakwiye. Abenshi ntibazi ko buri ntambo ifise insiguro bijanye.

N’abashobora kumenya amazina yazo ugasanga ntibazi kuzitandukanya. N’izizwi ko ziharijwe n’intara kanaka nk’agasimbo i Makamba n’akayarusizi mu Cibitoke, ntibazimenye.

Inkomoko yazo

NK’uko umupfasoni Christine Ndayizeye abituyagira, izo ntambo zifise intara zikomokamwo, kandi imwe yose ikaba yisangije n’ingene itambwa. Ni uko rero, ugiye mu buraruko bw’igihugu, mu karere ka Bugesera, uhasanga intambo zifitaniye agashusho n’izitambwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Ni intambo kandi z’aborozi b’inka. Tuhasanga umudiho; intambo batamba amaboko ari hejuru nk’amahembe y’inka, bagatamba bigera hejuru bavuna isambwe. Turahasanga kandi n’intambo y’intore, igishakamba, n’izindi.

Mu karere ka Buyogoma ho, uhasanga <...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

RDC-Goma : annulation du double concert humanitaire de Innoss’B, une déception pour ses fans

LE JOURNAL.AFRICA

Sénégal: un clip de hip-hop pour faire de la prévention contre le coronavirus

RFI AFRIQUE

Au Ghana, l’art contemporain en pleine ascension

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights