Site icon LE JOURNAL.AFRICA

«Imbanyi» canke «inda» : ng’iyi imvugo ibereye uwibungenze

Ejo bundi haribonekeje ukutumvikana kw’ikoreshwa ry’ijambo “imbanyi” ku mwigeme yibugenze atarubaka. Bamwe  bakabona ko iryo jambo ryisoneye, rikwiye gukoreshwa ku mukenyezi yubatse gusa. Nayo ku mwigeme, hagakoreshwa ayandi, rimwe na rimwe atamuhesha agaciro. None ivyo biva kuki ? Vyoba bikwiye kuguma uko ? Umuco. 

Vyaturutse ku kiyago caciye ku rubuga rwa Facebook rwa Yaga, cari kigamije gusabikanya ivyiyumviro ku bibazo bikurikira : Mbega urwaruka rurafise ubumenyi bukwiye ku bijanye n’uburyo bwo kwirinda imbanyi bene izo [imbanyi zitifujwe]? Ni ubuhe buryo bwo kwikingira imbanyi zitipfuzwa muzi ? Bukoreshwa gute ? 

Hari mu ntumbero yo kuzirikana kuri ico kibazo, mu gihe indwi ya nyuma y’ukwezi kwa nyakanga isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kwikingira imbanyi zitipfujwe mu gukoresha uburyo bubuza gusama.

Iryo shimikiro ry’ikiganiro ryapfuye kuja ku rubuga, abakunzi ba Yaga batandukanye baca batangura gukebura uruganda rw’iyandikiro rwa Yaga bati : “nyabuna nyabuna iryo jambo imbanyi ntirikwiriye gukora ku bigeme batarubaka”. Koko? 

Kubera iki ?

Abakebura bose bashigikira ko hakoreshwa ijambo “inda”. Insiguro akaba ari uko uwo mwigeme atohabwa ikibanza kimwe n’umukenyezi yubatse biciye imbere y’amategeko. Naho umuvyeyi asa n’uwundi, muri ico gihe, rimwe ni ivyara, mu gihe ibindi ari ivyago. 

Nk’uko umwigisha muri Kaminuza Ferdinand Mberamihigo abivuga: « Imvo ituma benshi bumva ko iryo jambo ridakwiye gukoreshwa ku mwigeme atarubaka ni ukubera imbanyi ari ijambo ryo mu mvugo yisoneye (langue soignée mu gifaransa). » 

Akongerako ati : « Kubera rero mu migenzo y’ikirundi bifatwa ko ata kwisonera kw’umukobwa yatwaye inda y’ishushu, vyumvikana ko ata mvugo y’iteka bashima gukoresha mu kuvuga inda yiwe. »

Kukaba nka kwo, amajambo akunze gukoreshwa kuri abo bigeme, ni «inda z’indaro », « ishushu », « ibitwarire »,… ayo yose akaba asubiza hasi uwo mwigeme vyashikiye. 

Ariko, nk’uko uwo muhinga Mberamihigo abandanya abivuga, « mw’iyo mvugo yisoneye nyene, iryo jambo “imbanyi”, nta hantu na hamwe vyanditse ko ritokoreshwa ku wusamye atarubaka urwiwe. » 

Dutere intambwe !

N’aho gushikirwa n’ivyo bintu, haba kuri uwo mwigeme, eka mbere no ku muryango wiwe bitanezera, inyifato yacu nk’ikibano irasonga cane abo vyashikiye. Baba bakomeretse bihagije; ntibikwiye rero ko twongereza igikomere baba bafise kuko, naho twibaza ko turiko dutuma abandi bitarashikira batinya, biribonekeza ko atari vyo.

Mu kiganiro yahaye imboneshakure France 24, Pamella Mubeza arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi bibarukiye iwabo avuga ko « abo bakenyezi basa n’abishwe mu kibano. Baraturubikwa, bagafatwa nabi, ku buryo batakaza icizere ku buzima bwabo. Ikibano kirabaremera, bagatuntura ku mutima. »

Guturubika uwo vyashikiye haba mu mvugo, mu bikorwa canke ico cose comubabariza umutima canke umubiri, ntaho bitandukaniye na ya migenzo ya kera yo kubata mu bisumanyenzi. Ni imigenzo dukwiye kurengera muri kino gihe.

 

Quitter la version mobile