Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Nagwanye na kansera yo mw’ibere kuva mfise imyaka cumi n’itanu »

Turi mu kwezi kwa Gitugutu. Isi yose yaguhariye kugwanya Kanseri yo mw’ibere. Abantu benshi barakunze kwibaza, ndetse bakemeza ko indwara ya kansera ifata abakenyezi bamaze kwonsa gusa. Ihibambewe! Iyi ntahe ya Claudine, umwigeme w’imyaka mirongo ibiri amaze imyaka itanu agendana iyo ndwara, iratwereka ko atari uko bimeze.

Iyo ndwara yamfashe mfise imyaka cumi n’itanu, niga mu mwaka w’indwi. Natanguye numva akantu kavyimvye mw’ibere ry’i bubamfu ; akantu kemeze nk’akabuye. Bigitangura, nta bubabare numva. Mu nyuma gatera gakura, mbere hatangura kuziramwo n’imisonga.

Uko imisi yahera, ni ko ka kabuye kakura, imisonga nayo ikiyongera. Kera na kera, ngiryo ibere ryose riravyimvye. Narababara, ariko nkagira isoni zo kubibwira abantu. Heheze nk’umwaka ndabigendana, niho natangura kubibwira no kuvyereka abo muhira. 

Nabaye nkibereka nabo bati : « izo ni indwara z’abantu bonsa! Wewe sinzi iyo wabikuye. » Niko kunjana kw’ivuriro ritoya riri hafi yo muhira. Baransuzumye, ariko bambwira ko ataco bari bumfashe. Nca ndataha, nguma ngaho, imisonga ari imisonga ; n’ishure nahavuye ndariheba. Aho hose sinari nzi ico ndwaye.

Nsanga ni kanseri

Nararonse agahengwe gatoya, nca nja gukora akazi mu gisagara ca Bujumbura, mu kigo c’ababikira. Nkoze nk’umwaka n’amezi, niho  nasubira gufatwa mbabara, ibere naryo ryavyimvye gusumba. Banyaguhezagirwa baca banjana kwa muganga; bansuzumye, basanga mfise ikivyimba mw’ibere, gikeneye kubagwa. 

Baramfashije ndakorwa, ndatora mitende. Ariko hadaheze n’imisi, nsubira kuvyimba no kubabara, ibere ryanje rirahishira, hama ritangura kuvamwo ibintu bimeze nk’amazi bitamota neza. Nsubira kwa muganga aca anshira mu bitaro. 

Baragerageje kumvura, ndetse biba ngombwa ko nja kwivuza mu mahanga, mu nyuma ndagaruka kubandanya mfatira imiti mu bitaro aho nkiri n’ubu. 

Ico dukwiye kumenya

Kanseri yo mw’ibere ntifata abakenyezi bonsa gusa, nk’uko benshi bavyibaza. Ni vyo, kenshi ikarira abakenyezi barenza imyaka mirongo itanu; ariko n’abakiri bato nabo birashika ikabafata. Kira noneho, iyo ndwara birashika igafata n’abagabo.

Ni iya mbere ibangamiye abigeme n’abakenyezi kw’isi yose. Iza imbere mu zitera impfu nyinshi, na canecane mu bihugu vy’amikoro make, kubera ukutamenya ngo bipimishe kare canke ukubura ibigo vyo kwa muganga vyabigenewe. 

Impinduka yose umukenyezi (canke umwigeme) yobona kw’ibere ryiwe ntakwiye kuyifata minenerwe na gato. Kaba akavyimba canke akantu kagumaraye yumvise mw’ibere atahora yumva, utuntu tumeze nk’utuzi dusohoka mw’ibere atari amaberebere, canke ibere rihinduye ibara rigahishira canke rikavyimba, ritonekara bidasanzwe…ivyo vyose uwuvyibonyeko yoca aja kuraba muganga adatevye.

 

Quitter la version mobile