LE JOURNAL.AFRICA
SANTE

« Nagwanye na kansera yo mw’ibere kuva mfise imyaka cumi n’itanu »

Turi mu kwezi kwa Gitugutu. Isi yose yaguhariye kugwanya Kanseri yo mw’ibere. Abantu benshi barakunze kwibaza, ndetse bakemeza ko indwara ya kansera ifata abakenyezi bamaze kwonsa gusa. Ihibambewe! Iyi ntahe ya Claudine, umwigeme w’imyaka mirongo ibiri amaze imyaka itanu agendana iyo ndwara, iratwereka ko atari uko bimeze.

Iyo ndwara yamfashe mfise imyaka cumi n’itanu, niga mu mwaka w’indwi. Natanguye numva akantu kavyimvye mw’ibere ry’i bubamfu ; akantu kemeze nk’akabuye. Bigitangura, nta bubabare numva. Mu nyuma gatera gakura, mbere hatangura kuziramwo n’imisonga.

Uko imisi yahera, ni ko ka kabuye kakura, imisonga nayo ikiyongera. Kera na kera, ngiryo ibere ryose riravyimvye. Narababara, ariko nkagira isoni zo kubibwira abantu. Heheze nk’umwaka ndabigendana, niho natangura kubibwira no kuvyereka abo muhira. 

Nabaye nkibereka nabo bati : « izo ni indwara z’abantu bonsa! Wewe sinzi iyo wabikuye. » Niko kunjana kw’ivuriro ritoya riri hafi yo muhira. Baransuzumye, ariko bambwira ko ataco bari bumfashe. Nca ndataha, nguma ngaho, imisonga ari imisonga ; n’ishure nahavuye ndariheba. Aho ho...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Madagascar : les paramédicaux toujours dans l’attente de leurs indemnités de réquisition

RFI AFRIQUE

Niger: les fortes précipitations entraînent une nouvelle flambée de choléra

RFI AFRIQUE

La RDC débourse 16,4 millions de dollars américains pour l’achat des vaccins

OKAPI CONGO
Verified by MonsterInsights