Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Subirayo ntihababa, nta mahwa ariyo » : barasukana !

Abakeza umuvyeyi ngo « Subirayo ntihababa, nta mahwa ariyo », abandi bagahezagira abageni ngo “muravyare mushikane kuri Ndayobewe”, bari mu batuma uwo muvyeyi yipfuza gusama hakiri kare. Kwoba ari ukwibagira canke ukwiyobagiza ingaruka z’intahekana ku buzima bw’umuvyeyi n’ubw’abana ? Canke ni ugusukana vyo bisa ?

Aho hambere hahise; eka mbere na n’ubu ni ko bikiri, inyuma y’imisi mike abantu bagize ubugeni, wumva abavyeyi, ababanyi hamwe n’abagenzi batanguye kubaza ngo “mbega nta gicuro mu nda ?” Aho rero baba bashaka kumenya ko ata mbanyi umupfasoni arasama. Uretse ko ari urusaku mu zindi, ivyo bica bituma uwutararonka ikibondo yumva akumiriwe, uwuvyaye benshi na we, naho zoba intahekana, ukamengo ni we muhizi.   

Mu majambo akoreshwa mu kwibarutsa umuvyeyi, bamwe baravuga bati : « Uravyara benshi uduhe kamwe », abandi ngo :« Subirayo ntihababa, nta mahwa ariyo ». Baba bashaka ko yibaruka abandi bana. Mugabo rero, naho bavuga uko, barazi neza neza ko iyo umuvyeyi arinze ashikana, aba avuye habi cane. N’ikimenyamenya, baravuga kandi bati: « Simba imanga », « Kira Ntahangwa, warujabutse » n’ayandi. Vyererekana kandi ko bazi neza ko kwibaruka ari akagoye; ndetse bishobora gutwara ubuzima umuvyeyi. Biratangaje!

Umuvyeyi yohasigara

Aline M., umuvyeyi w’abana babiri ati : « navyaye barinze kumbaga kuri abo bana babiri bompi. Ku wugira kabiri we, ntivyoroshe; nahatswe kuhasiga ubuzima, ndetse n’umwana yavutse hatageze. Abantu na bo batazi ingorane nahagiriye, ukumva ngo “subirayo ntihababa”. Hari n’abambwira ngo ndi ikigaba, sinshaka kuvyara; abandi na bo ngo ni ukwanka kwonsa, ngo nshaka kuguma ndi muto. Aho simvuze abavyeyi banje n’ab’umushingantahe wanje, bo bambwira ngo ngomba guhonya umuryango. »

Korodeta N. nawe ati : « iyo mfise imbanyi ndamererwa nabi cane. Kuva ku kwezi kwa mbere mba ndwaye. Bisa nk’uko mba mu bitaro. Nza kwibaruka namaze kwihebura ko ndahasigara. Ukaza wumva umwana agitangura kwicara, ngo  “uturenge twirabuye kera, subirayo”. Abo bose bavuga uko, nk’ubu bishitse nkahasiga ubuzima, sinibaza ko hari uwonderera abo nsize. »

Abana bo?

Ureste amagara y’abavyeyi ahasinzikarira, hari n’inzindi ngaruka mbi z’ukuvyara benshi. Iyo bavutse ari intahekana, ntibonka bikwiye. Aho ntituvuze uburyo bwo kubatunga, kuko busanzwe butoroshe. Maze ivyo bigatuma mu miryango harangwa ibibondo vy’amagara make. Bene abo bana nabo, mu kwiremesha ukumva ngo “Imana yamumpaye ni yo izompa n’ico ndamugaburira”; ntibahaka ko iyo Mana nyene ari yo itanga ubwenge bw’ugukora ibintu uko bikwiriye. 

Ubu; ivyari i Magera vyarageruye; harageze ko tureka umwe wese akabaho ubuzima bwiwe uko avyumva n’uko abishoboye. Imigenzo imwe imwe ibuza umwidegemvyo twovavanura na yo. Umwe wese arazi amikoro afise. kandi ni we wenyene akwiye kumenya ryari yokurikiza umwana canke aho yogarukiriza kuvyara. Ivy’ukubona abana nk’itunga, aho hari kera, Uburundi bugitemba amata n’ubuki.

 

Quitter la version mobile