Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ubutinyanka : buri murundikazi atanga imiriyoni zirenga zitanu mu buzima bwiwe

Mu Burundi, ikiguzi c’ivyo umukenyezi ari mu bihe akenera, nta wucitaho. None, mu buzima bwiwe bwose, umurundikazi yoba akoresha amafaranga angana gute kubera ubutinyanka ? Tubirabire hamwe. 

Uretse ko ari ibihe bitorohereza abakenyezi n’abigeme, ibihe vy’ubutinyanka biratwara amafaranga. Mu vyo bagura, twovuga nk’udutambara tw’isuku mu gihe c’ubutinyanka, umuti ugabanya ububabare, n’ibindi tutarinze kudondagura. 

Ubajije ibiciro mu mazu y’idandarizo y’imiti (amafaramasi), uraheza ukabona igiciro cababa amafaranga akenera buri kwezi. Agapaki k’udutambara tw’isuku mu gihe c’ubutinyanka (bakunze kwita “cotex”) kagurwa amafaranga y’amarundi ibihumbi bibiri. Imiti igabanura ububabare, uwuri mu bwoko bwa “Ibuprofen” ugurwa 1000. Hari n’ibindi bimota neza bashobora kugura; imbazi (déodorant) zizimbutse usanga ari amafaranga y’amarundi 3000, aho ni abafise uburyo buciririkiye. 

Agahuzu ko munsi, hari abaca bagura akandi ku 2500. Hari abo usanga badashobora gufungura; ku musi wa mbere, hari aho usanga afungura utuntu tudafashe nk’udusuguti agashozako utunyobwa nk’agasoda canke ibindi. Ivyo bigatwara amafaranga 2500. 

Ayo mafaranga yose hamwe yababa 12 000, buri kwezi. Murabona namwe ko atari make. Mu buzima bwiwe bwose, umukenyezi aja mu butinyanka incuro 450. Ufatiye kuri ivyo biharuro usanga umukuenyezi akoresha amafaranga angana imiriyoni zitanu n’ibihumbi amajana ane (5.400 000). Ayo mafaranga ni umutahe ukwiye.

Ukuyaronka si ivya bose

Amafaranga 12.000 buri kwezi, kuri bamwe ni ubusa nk’ubwo. Mugabo rero, Abarundi bashika 75% ntibashobora kuronka ayo mafaranga buri kwezi. Abadafise amikoro baca babireka; kuko nyene nta kundi. Kuronka ivyankenerwa bitwara amafaranga badashobora kuronka. 

Akarorero ni uwitwa Janine; afise imyaka 26, yiga muri kaminuza y’Uburundi. Nta handi akura udufaranga atari ya ngurane y’agafashanyo bahabwa. Ati: “uretse ko mba ndi ku musonga, kuronka ibikenewe mu gihe c’ubutinyanka, bisigaye ari ivy’abishoboye; ni amananiza.” Ico giciro ni kinini; Abarundikazi benshi ntibashobora kuyaronka, mu gihe ibiharuro vyerekana ko murundi wese akoresha amafaranga y’amanyamerika angana 0,8 % ku musi. Hari n’abandi bitwa ko bashobora kuronka ayo mafaranga, mugabo bakarinda kwiniga, bagakura ku bindi vya nkenerwa; harimwo n’ugufungura.

Hokorwa iki?

Igihugu cabwirizwa gutereza amaso imbere, kikagira ico gikoze, naho kuva kera, ata wigeze acisha no mu kanwa ingingo ijanye n’iyo ngorane. Udutambara tw’isuku abapfasoni bakoresha bari mu butinyanka, ntitwofatwa nk’ibikoresho vy’abifise binezereza ; nyabuna, ni ikintu ca nkenerwa, kitokwirengagizwa. 

Mugabo, mu Burundi si ko biri ; kuko ico kidandazwa kiratozwa n’itagisi rya 18%. Iyo tagisi yabwirizwa kugabanuka canke ikavanwaho. Ikindi ni uko amashirahamwe avuza abantu ; nka Mutuelle, yabwirizwa kubarihira ivyo bikoresho, canke bigatangwa kuri gusa, kurya kw’udukingirizo canke imisegetera. 

Mu gihe izo ngingo zitarafatwa, Abarundikazi bokoresha uburyo butazimvye nk’agakombe gakoreshwa mu butinyanka, kabikika igihe kinini canke udutambara twabigenewe, nk’akitwa « agateka », gakorerwa mu Burundi.

Naho gutanga ku buntu ivyo bikoresho bisa n’ibikiri kure nk’ukwezi, kutabironka canke kudahindura kenshi ivyakoreshejwe, bifise ingaruka mbi haba mu mashure canke kwandura indwara, ndetse no guhahamuka.

 

Quitter la version mobile