Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amacupa akoze mu mashonge: abitse ubumara, soko ry’indwara zidakira

Amacupa akozwe mu mushonge (“plastique” mu Gifaransa) yagenewe gukoreshwa rimwe gusa. Ariko mu Burundi, akoreshwa incuro zirenga imwe, ata camira. Ivyo navyo bikaba bifise ingaruka mbi nyinshi ku magara. Turabayagira kuri zimwe zimwe.

Benshi bayazi ku mazina y’ikibuni, igikinju, igipacupacu canke ikivodoka. Abeshejeho benshi.  Iyo utembereye mu masoko atandukanye hano mu Burundi, usanga ayo macupa ari yo atekeyemwo amavuta yo gukinjika, amazi akanye, ubuki, n’ibindi. Nayo hamwe harangwa za nzoga, usanga abazihereza bazinywera mw’ayo macupa nyene. 

Ntitwokwibagira n’abinonora imitsi usanga kenshi bakunda kwibangikanya mwene ayo macupa, bakayavomeramwo amazi, bivuna akanyota.

Naho umurindi w’ikoreshwa ry’ayo macupa ari munini, abahinga baremeza ko gukoresha ayo macupa incuro irenga imwe ari ukwikwegera akarambaraye.

Abitse ubumara

Nk’uko tubiyagirwa na muganga Ndikumana Innocent, ibintu vyose bishirwa muri ayo macupa ya palasitike yamaze gukoreshwa bicika nk’uburozi mu mubiri w’abantu bavyihereza. 

Fulgence Niyungeko nawe, umuhinga mu bijanye n’ibihingurwamwo ibintu n’imiti, asigura ko arya macupa yagenewe gukoreshwa rimwe gusa kubera ahinguwe mu vyitwa mu gifaransa « polyéthlène téréphtalate ». Ivyo navyo ngo iyo icupa rikoze ubwa mbere, bica bitangura kwononekara, bigacika ubumara. 

Asigura ati: «Iyo amacupa  agumye akoreshwa kenshi, canke agashirwamwo ibintu bishushe, bimwe bikozwemwo rya cupa bihinduka ubumara bubi cane bwo mu bwoko bwa « trioxyde d’antimoine» n’ubwitwa « bisphénol », bugaca buza burayongera bukebuke mu biba vyashizwe muri iryo cupa ».

N’iyo bitarakoreshwa na rimwe, nk’uko Fulgence abandanya abivuga, ariko bikaguma vyanikiye ku zuba canke ahantu hashushe umwanya munini, naho nyene, ubwo bumara buca butangura kuyongera mu biri mw’ayo macupa.

Isoko ry’indwara zidakira

Iyyigwa vyakozwe vyerekanye ko ubwo bumara bwuzuye muri ayo macupa buri mu vyambere bitera indwara nyinshi zidakira nk’amakanseri mu mubiri w’uwavyihereje.

N’indwara zo mu bihimba vy’ihemero, izo ku rukoba, ubutinyanka bubabaza cane canke ugukoroka kw’imbanyi vyisubiriza, n’ibindi biterwa n’ubwo bumara twandura muri ayo macupa, iyo tuyakoresheje kenshi. 

Abarundi barayamaze bati: “wanka kugarura intungwa ikiri hafi, yamara kurenga imirambi ukabira nkayo.” Ntiturindire kuyora twasheshe. Ayo macupa abangamiye amagara yacu, akabangamira ibidukikije n’isi yacu, turakwiye kujijuka tukayarwaniriza hamwe, akava mu gihugu. 

Reta nayo igerageze ishire mu ngiro itegeko n°100/099 ryo ku wa 8 Myandagaro 2018, ribuza gukora, kwinjiza, kubika, kugurisha canke gukoresha amashashi n’ibindi bintu vyose bikoze mu mushonge, yongere irondera ibisubirira ayo macupa, hama ayakiri ku butaka bw’Uburundi, ahingurwemwo ibindi bikoresho.

 

Quitter la version mobile