Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Abakenyezi b’intwari : si Ririkumutima gusa

Iruhande  y’umugabekazi Ririkumutima yaganje Uburundi igihe umwami Mwambutsa IV yari akiri imfyufyu, hari abakenyezi bake cane bamenyekanye nk’intwari muri kahise k’Uburundi. Umwe muri abo ni uwitwa Nteturuye Mariya, batazira  Nzirikanye. Muti none uwo yamaze iki?

Uwo mukenyezi yabaye umwe mu batware b’abapfasoni  bake babayeho ku ntwaro ya cami; akaba yatwaye akarere k’ahitwa mu Rusengo, mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw’igihugu.

Muri iyo ntara kama ya Buyogoma, abarutse ku ngoma y’umwami Mwambutsa, baracikugura umukenyezi Nzirikanye, « yatwaye neza gusumvya n’abagabo bamwe bamwe »; nk’uko abo negereye babinyiganiye. 

Uwo mugore Nzirikanye yasigaranye akarere kahora karongowe n’umucance wiwe; yari umukobwa w’umuganwa Muzazi, akavukana n’umutware Kiraranganya. Nta nkeka ko, ukuba yavutse muryango w’abatware biri mu vyatumye nawe abutorana.

Ahavuye umugabo…

NK’uko bivugwa n’umutama Biregeye Andereya, umwuzukuruza wa Kiraranganya, umutware Ntamagara amaze kwitaba Imana (ni we yari umucance wa Nzirikanye), abantu bose, nta wundi babona ko yomusubirira atari iyo ntwari y’umukenyezi. “Kuko kuva Ntamagara akiriho, uwo munarugo wiwe yarerekana cane ubutwari bwiwe, mu kumufasha guca imanza hagati y’abatase.” Ntivyatevye, baramwegurira akarere ngo akaramutswe. 

Mu kibano c’aho mu Rusengo, abamwibuka bavuga ko Nzirikanye yamenyekanye mu kibano nk’imboneza, inserukarukamvye, uwitaho ineza y’abandi; ari co gituma bahavuye bamwizera ngo abarongore.

Ni nde yavuze ngo ahavuye umugabo hasigara umugayo? Azobaze neza. Kuko si uko vyagenze kwa Nzirikanye; ahosigaye umugayo, hasigaye umukenyezi w’intwari, intarambirwa, inamuzezwanzu n’akarimbi. 

Umugore mugabo

Maregeya, yabaye i butware  kwa Nzirikanye, avuga ko uwo mukenyezi yari afise ijunja n’ijambo kurusha abandi batware bose bo muri ako gace. Ati: “n’inyambaro yiwe ntiyasa n’iz’abakenyezi. Yakunda kwambara inkofero y’inyambarabami, ikanzu ndende nk’iyabapatiri b’abamisiyonari, n’ishapule ndende yera de yama irereta ku rukenyerero.” 

Yari yubahitse cane muri ako karere, mbere n’imbere y’abandi batware b’abashingantahe, harimwo mukuru we Kiraranganya.

Incabwenge

Uretse ko yari azi gusoma no kwandika; ibitari bizwi na benshi ico gihe, yari n’umuntu adatinya gufata ingingo uko yaba iri kwose, ataravye nkunzi, ataravye agatumba; yaraba ko itumbereye gusa.

Nk’uko umutama Maregeya abivuga: “Uwo mukenyezi yari aciye ubwenge cane kandi yari azi kuvugana n’abazungu.  Ariko rero yari anakaze cane. Ku ntwaro yiwe, ntawaduza umutwe ngo ashaka kugumuka. Mugabo yakarira ibigaba vyanka kurima, nawe yarankana n’ibinebwe na ba maboko.”

Intore ntiramba

Ukuntu agace yatwara kari gateye imbere, gatekanye kandi abantu bose banama rimwe, hari abo vyateye ishari. Abo nabo ni nk’umuzungu yatwara ako karere aterekwa intwaro ya Nzirikanye. Yamuteranije na mukuru we; umutware Kiraranganya. Haduka indyane hagati yabo, bitangurira mu kwikekanako uburozi hagati y’abo batware babiri bavukana n’imiryango yabo. 

Mu nyuma, intambara zirasekera, imanza zirasasa, umuzungu abona gufata ingingo yo gukura abo batware babiri bompi, aca araganza. Nteturuye yaragiye abantu bose bararira.

Kubw’umutama Maregeya, igihugu cari gikeneye abakenyezi nka Nzirikanye. Kukaba nkako, uwo mukenyezi yarabaye icemeza ko abakenyezi b’Abarundikazi badakwiye kwikumira, ko barimwo abashoboye kwizerwa na bose. Ntawovyibaza ko vyashoboka; canecane muri iyo myaka.

 

Quitter la version mobile