Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ibintu cumi mutari muzi ku ntara ya Gitega

Intara ya Gitega iherutse kuba umugwa mukuru wa politike w’igihugu c’Uburundi. Hari ibintu bitari bike vyaranze iyo ntara Abarundi benshi batari bazi. Ng’ibi bimwe bimwe muri vyo.

Ntawuzi ingene vyashitse ngo Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira kw’Uburundi, ashingurwe ku musozi Vugizo uri hejuru y’igisagara ca Bujumbura. Iyo ataba abadasigana bavyiyamirije, inyuma y’igandagurwa ryiwe, intwaro y’ababiligi yari yafashe ingingo ko imfura y’Umwami Mwambutsa, yari umushikirangoma wa mbere, ashingurwa i Gitega.

Ahejeje kugandagurwa mw’ijoro ry’uwa kane ushira uwa gatanu, kw’igenekerezo rya 13 gitugutu 1961, ikiziga ciwe baciye bakijana mu gaturuturu i Gitega. Yohani Pawulo Harroy, yatwara Rwanda-Urundi ico gihe, nk’uko avyandika mu Gitabu ciwe Burundi (1955-1962) Souvenirs d’un combattant d’une guerre perdue, avuga ko bamujanye i Gitega kubera batinya ko abanyabujumbura bohava babagumukana bakabura uko babifata.  

Ukumushingurana iteka vyategerezwa gutegurwa mu maguru masha, ntivyabaye bikiba, kuko ivyari bikenenewe vyose ntivyaribwo biboneke. Aha twobamenyesha ko Bujumbura wari umugwa mukuru wa Rwanda-Urundi, naho Gitega hakaba hari umugwa mukuru w’Uburundi. 

Gitega na Ndizeye

Umuganwa Karoli Ndizeye yabaye Umwami w’Uburundi kuva kuwa 8 mukakaro kugeza kuwa 28 munyonyo 1966 yari yavukiye muri iyo ntara ya Gitega mu 1946. Hafi imyaka itandatu inyuma y’ikomborwa ry’intwaro ya cami, uwo Mwami yahavuye agandagurwa mu 1972, muri iyo ntara nyene yavukiyemwo.

Inyuma yo kuja mu vy’urudandazwa kugira akize agatwe avane n’ivya politike, uwo Mwami yari yakomboye se igihe yari yagumiriye mu Busuwisi, yagiye mu Buganda ku ntwaro y’umunyagitugu Idi Amin Dada.  Uwo ni we yahavuye atanga Umwami Ntare wa V, akaza gupfungirwa ku kirimba i Gitega.   

Mw’ijoro ry’uwa 29 ndamukiza 1972, Karoli Ndizeye yaragandaguwe aho yari apfungiwe mu buryo budasiguritse, n’ikiziga ciwe nticigeze kiboneka kugeza uno musi. Hakurikiye ubwicanyi budasanzwe bwahitanye Abarundi batari bake muri uwo mwaka.

Gitega n’abakuru b’igihugu barongoye Uburundi

Koroneli Yohani Batista Bagaza, yashinze Republika ya kabiri kuwa mbere Munyonyo 1976, yize igice c’amashure yiwe muri iyo ntara ya Gitega. Imbere yo kuja kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda aho yize igice ca nyuma c’amashure yisumbuye, n’ishure ry’abasirikare ryo mu Bubiligi, aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo rwa Kaminuza mu gisata c’ivy’imibano, uwo yahavuye akombora Micombero yize igice ca mbere c’amashure yisumbuye mu Giheta.   

Majoro Petero Buyoya, co kimwe n’abamubanjirije, yakomoka muri komine Rutovu, mu ntara ya Bururi. Uwo yahavuye akombora Bagaza ku butegetsi kuwa 3 Nyakanga 1987, yarabaye i Gitega.  Mu gitabu ciwe Mission Possible, avuga ko yari yiteguriye guheba uburusho bwose yari afise akemera kwigumira i Gitega.

Petero Buyoya yashikiye muri iyo ntara igihe yari avuye kwiga mu Bubiligi, kw’ishure ry’abasirikare (Ecole militaire royale). Ni we yahavuye atanguza ikambi rurangiranwa mu gisirikare c’Uburundi, yitwa “22ème bataillon blindé”.

Ibigwanisho vyari vyaguriwe mu Burusiya, nk’uko vyandikwa na Sipiriyano Mbonimpa, yakora mu buserukizi bw’Uburundi i Moscou mu Burusiya nyene.

Gitega, ituta ry’Abakuru b’ibihugu ?

Kubera urwimo, yaciye ahungira mu gihugu c’Urwanda mu 1972. N’igihe ahunguka mu 1983, yashikiye muri iyo ntara ya Gitega aho mbere yashitse arangurira amabanga y’umunyamabanga wa mbere w’Urunani rw’abakozi mu Burundi (UTB), urunani rwakukira umugambwe UPRONA, umugambwe umwe rudende, ico gihe.

Nk’uko vyagenze kuri bamwe mu bamubanjirije, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, aramutswa igihugu uno musi, yabaye i Gitega ari muto cane. Yavukiye mu ntara ya Ngozi, mu buraruko bw’igihugu, arangije amashure matomato iyo avuka, uwo ari ku ngoma kuva kuwa 26 Myandagaro 2005, yarangirije amashure yisumbuye mu ntara ya Gitega.  

Aha twokwibutsa ko uwahoze ari Umukuru w’Igihugu  Sylvestre Ntibantunganya avuka mu ntara ya Gitega, akaba ari naho yize amashure yiwe matomato n’ayisumbuye.

N’abaganwakazi Roza Paula na Regina, co kimwe na basaza babo abaganwa Rwagasore na Ndizeye, bavukiye i Gitega.

Ikindi kintu benshi batazi cabaye kuri iyo ntara, umwami w’abami wa Etiyopiya akaba n’umucunguzi w’Abarasta Hailé Sélassie yatoye kwibera i Gitega, igihe yaza kugendera Uburundi mu 1973. Kuva ico gihe, Gitega hafashwe nko ku mugwa mukuru w’Abarasta mu Burundi.

Intara ya Gitega iherutse kuba umugwa mukuru wa politike w’Uburundi, yaranzwe n’ibintu bitari bike haba muri politike no mu karanga k’igihugu.

 

Quitter la version mobile