Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Abana bitaburiyeko imyambaro y’ishure: igihano si wo muti

Inyifato abanyeshure baraye berekanye igihe barangiza ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza,  abatari bake barayiteye ivyatsi; bamwe mbere baranabasabira ibihano. Uwo ni wo muti? Habe na mba! Agakete ku bavyeyi n’abarezi.

Bavyeyi nkunda, barezi b’iteka, 

Benshi muranegura inyifato y’urwo rwaruka. Kukaba nkakwo, ivyo twaraye tubonye benshi vyaradutangaje. Ntaho vyari bwakaboneke kuva ibibazo vya Reta bikorwa, amashure akarangira. 

Uwabonye amafoto yose y’abo bana yatembera ku mbuga ngurukanabumenyi, ntiyaronse ico avuga. Yaguye mu gahundwe. Uwababonye amaso mu yandi hoho, mu miduga yunguruza abantu muri rusangi, yarabura ico avuga. Umuvyeyi yavyaye wese yarabura iyo anyikira, abonye ivyo abo bana bagiriye impuzu zaguzwe akuya k’uwundi muvyeyi nkawe.

Ibaze namwe! Kubona umwana w’umwigeme yubahuka akitaburirako agahuzu, agatembera mw’ibarabara ibibero, inda, umigongo n’igikiriza biri ku gahinga, izuba ryaka, vyari biteye isoni. 

N’abahungu wahora umenga ubwambure bwabo ntibuteye isoni, vyari bibabaje kubona impuzu yajanye ikwiye, imesuye kandi igoroye, yahindutse umweko n’umugozi batenga ku mutwe. 

Ndabatahura

Uwoba yaraciye aho abo bana bari, yotahura imvo n’imvano y’uwo munezero bagize. Nihereyeko, umusi ndangiza ikibazo nk’ico abo bana barangije, naranezerewe cane. 

Ku boba bazi igisagara ca Gitega, natembereye kuva i Nyabututsi kw’ishure nigako, nca muri Karitiye Rango ndenga no mu gisagara hagati isaha umunani z’ijoro ndi kumwe n’abandi twahora twigana, tuva mu kabare tuja mu kandi. Vyari ibihe binezereye cane.

Uno musi hoho, ibihe vyarahaye ibindi. Abo bana mubona bagize ivyo, ni bamwe bakura babona ibigezweho. Ubu ibica ku mbuga ngurukanabumenyi n’amareresi aca ku mboneshakure zitandukanye, ntibizogenda bitabakuye agashambara, bagakora ivyo batari gukora. Abo bana bavyamako rero, ntibari kugenda “badakanyaze amakaye” yabo, bitaburirako agashambara…

Twigaye!

Aho guta ishavu kuri abo bana, ingo nyabuna twigaye twebwe abarezi. Dukubite agatima mpembero; dusanga aho hose tuvuga ko bamenje, ari twebwe twamenje kuko usanga ivyo bakoze vyatumwe na twebwe; abavyeyi n’abarezi b’abo bana.

Wewe wa muvyeyi, ni kangahe uhora uganiriza umwana wawe, ibiraba ubuzima bwiwe, indero ibereye umwana, n’ivyerekeye kazoza kiwe? Ubwo umwana wawe ntiyakuze arerwa n’umuyaya, acungwa nk’inka, akaba yageze mu buyabaga atakuzi nk’umuvyeyi, ibintu vyose azi yabikuye ku mboneshakure canke ku mbuga ngurukanabumenyi? Ubwo ntiwama witayeho akazi gusumba ikiyago mu muryango, aho usanga umwana akubona nk’umushitsi i muhira iwawe? 

Ndatahura ko ubuzima bwagoranye kandi umuvyeyi ategerezwa kwitaho ibitunga umuryango. Ariko ico kutibagira naco ni uko ikiyago ari kimwe mu bitunga imiryango. Indero y’umwana ikura muri we kuko yayibibwemwo n’abavyeyi bose, se na nyina.

Nawe wa murezi, abana igihugu cagushinze kurera ubaha ubumenyi buki? Ububaha ute? Ubwo woba ubigisha kuba inkerebutsi, gushishoza imbere yo gufata ingingo iyo ari yo yose, kuba intwari, … canke uri ca gikoko cinjira abana bakajugumira, icigwa cawe kikaba carananiranye, wibaza ngo ni ho bakwubaha? Ubwo nturi mpemuke ndamuke, umwe agoba izo aragiye, ukaba ari we utuma umwana akuvuye imbere umengo atuye urusyo? 

Ivyo abo bana bakoze biragayitse cane kandi barimonogoje, ariko imbere yo kubacira urwa pirato, tubanze twisuzume natwe ko turi aberanda; kuva ku mwigisha, umuyobozi w’ishure, umubanyi, ariko na canecane umuvyeyi, we vyose bikomokako. 

 

Quitter la version mobile