Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Bujumbura: ubuhinga bushasha bamwe mu basuma basigaye bakoresha

Kuri runo rubuga, haheruka guca inkuru y’umwigeme akorera i Gitega, yahuriye mu modoka n’uwahavuye amubera umukoresha w’indyadya. Ubusuma busigaye bukorwa biciye mu kunguruza abantu, buri kwinshi. Reka mbayagire n’ibindi.

Mwoba mumaze kumva inkuru y’umuntu yaciye agata agatima ko kwunguruza abantu ahitanye ku mabarabara, bimwe twita «kugonda urutoke»? Uno musore; Yohani Petero, asanzwe akorera akazi muri karitiye ya Kigobe, ararahira akarengwa ko atoba agisubira kwunguruza umuntu atazi. Muti uwo mutima wakomerekejwe n’iki?

Umusi umwe, Yohani Petero yunguruje umuntu, maze uno amusaba ko yomusiga imbere y’ibitaro vya gisirikare vyo mu Kamenge. Umusore utanka, abigenza uko nyene, arahamushikana, maze arabandanya.Ngo agire arashika ku kazi, yugurura imodoka ngo atore inyabwongo ngendanwa yari yasize ku ntebe y’inyuma, asanga ahari impene hasigaye ikiziriko! Kuva ico gihe, yaciye arahira ko atazosubira kwunguruza umuntu atazi neza. 

Abandi bibwa n’ababunguruza

Yohani Petero yibwe n’uwo yunguruje; ariko, hari abandi batari bake bamaze kwibwa na bene kubunguruza. 

Maniratanga Rusi, asanzwe aba muri karitiye ya Kibenga. Ico gihe, hari nk’isaha icenda z’umuhingamo; nawe nyene yari asubiye ku mirimo ya misi yose nka Yohani Petero. Agihagaze kw’ibarabara ategereye za modoka zunguruza abantu mu rusangi, yumva umuntu amuhamagaye ngo amwunguruze. Nawe ati: «Ewe Mana urakoze unzaniye uyu mumarayika!» Na none, yariko aracererwa ku masaha y’akazi. 

Ni ho rero uno mukenyezi yinjira mu modoka, asangamwo abandi bagabo batatu, nawe agira uwa kane. Bugingo bageze amaja ku nyubakwa y’ubuserukizi bwa Tanzaniya mu Burundi, ba bagabo basohora intambi ndende, bayimufatira kw’izosi, hama bamutegeka gutanga amafaranga yose afise. Baca bamwaka ngendanwa ziwe zose, bamwambura impeta, isaha n’imigufu yari yambaye. Ivyo biheze, bamushiburira hanze, barigira, asigara mu kangaratete atawe ari butabaze.

Ibigomba gushusha n’ivyo vyarashikiye uwundi mukenyezi nyene; Karara. Hari mu kwezi kwa ruhuhuma, Karara yari agiye mu ntara ya Kayanza, ajanywe n’uguhagarikira umugenzi wiwe yubaka urwiwe. Muvyo yari aduganye harimwo ivyambarwa, amahera, n’ibindi vya nkenerwa. Bugingo ageze ku gituro c’imiduga c’ahitwa “Cotebu”, haza abantu bari mu modoka nziza yo mu bwoko bwa “Rav 4”. Baramwinginga ngo bajane, banamwemerera ko ariha amahera make, kandi ko batamutevya mu nzira, kuko bihuta.

Yibwira mu mutima ati: «ndatomboye.» Yurira mu modoka, barafata inzira. Barenze gato mu Gatunguru, bava mw’ibarabara ry’ikaburimbo ngo n’akantu bagira bahitane. Binjira mu kayira k’ivu, ahantu ata ruja n’uruza runini ruhari, umukenyezi baramukoba utwo afise twose, bamusigariza impuzu yambaye gusa. Baca bamusiga wenyene muri ako gahinga ka Nyaganande, asigara yipfumbereje.

Ivyera vyose si amata

Reka mbe nka wa wundi ngo « mugendane ubwenge nk’ubw’inzoka, kandi mugire amakega nk’ay’inuma. » Ivyera vyose si amata. Abibisha uruyeri baragwiriye haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu.  

Ico bahuriyeko bose,  ni uko imbere yuko bakwiba, bakwereka inyungu bagira baguhe. Nawe ukabizigira, hanyuma bigahera bakwambuye, ugasigara wicuza uti : « Ese iyo menya ! »

 

Quitter la version mobile