Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Mu bimenyeshamakuru : tuzirikane ikibanza c’abakenyezi

Kuwa 31 mukakaro uko umwaka utashe, ni umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi w’umunyafurika. Uwo musi ushitse mu gihe ikibanza c’umukenyezi mu bimenyeshamakuru vy’Uburundi kidashemeye, haba mu bakora uwo mwuga canke abatanga amakuru. 

Mu bimenyeshamakuru birenga 50 biri mu Burundi vyemewe n’urwego rw’igihugu rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru “CNC”, ikibanza gihabwa umukenyezi kiracari kure. 

Nk’uko bigaragara mu cigwa cerekana ikibanza c’abakenyezi n’abigeme mw’imenyeshamakuru ry’Uburundi (« Place et image des femmes et des filles dans le paysage médiatique burundais »), catunganijwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi b’abamenyeshamakuru “AFJO”,  kigashirwa ahabona kuwa 2 rusama 2019, ibitigiri vy’abakenyezi bakora umwuga w’ukumenyesha amakuru  bazwi n’urwego CNC, gushika muri Ndamukiza 2019, bangana n’ibice 32 kw’ijana. 

Mu bayobozi b’ibimenyeshamakuru banditswe mu rwego “CNC”, abakenyezi bari ku bice 14 kwijana gusa.  

Ico kibanza ntigishemeye. Twibuke ko abakenyezi barenga ibice 50 kw’ijana  mu banyagihugu b’Uburundi, twishimikije rusansuma rwo mu 2008. Rero, ndaheza nkibaza kuri zibiri mu mvo nyinshi zishobora kubituma.

Barakumirwa

Ndi umumenyehamakuru w’umukenyezi. Ndakunda kuganira na bagenzanje kuri izo mvo zituma tudaserukiwe bikwiye mw’imenyeshamakuru. Muri mwe n’ivyo biyago vyacu, mugenzanje Ada*, ni we avuga ati: « Hari aho umenga hariho amakuru yagenewe kuronderwa  n’abagabo gusa. Nko mu manama ategura urutonde rw’inkuru zo kuronderwa, birashika nk’umukenyezi asavye ko bomuha gukorera ku nkuru kanaka, ukumva bamubwiye ngo naka ni we ayishoboye (uwo naka aba ari umugabo). E mama ngo ironderegwa ahantu kure, hagoye kurungika umugore. »

Uko umukenyezi ataronswa ikibanza gishemeye mu nzego zifata ingingo, ni ko n’uruhara rwiwe mu mwuga w’ukumenyesha amakuru  canke mu gushikiriza iciyumviro ciwe rutituka. 

Ivyiyumviro bishaje

Birakunze kugaragara canecane mu bakenyezi batanga amakuru. Hari n’aho mpora nibaza nti ni ivyiyumviro vyataye igihe, ariko bikituzingamitse; ngo nta nkokokazi ibika isake ihari, umukenyezi akama yashizwe inyuma. Nk’amakuru amara iminota 20, arashobora kurangira ata jwi na rimwe ry’umukenyezi ryumvikanye mu batanze amakuru; ivyo na vyo birafise ico vyotubwira. 

Rero, no mu bakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru, hari abikumira kubera ariko bamenyereye bafatwa, bakanezerezwa n’ugukora akazi kabayabaye. Abo ni bo kenshi wumva bisigura bati: « Sinshaka kwikwegera.  Mfise abana bakiri bato,  inkuru za politike ndazitinya.»

Impinduka

Tuzomenya gute ibihanze abakenyezi nibatavyivugira bo nyene? Kanatsinda, rimwe rimwe, dusanga ibihanze umukenyezi  atari vyo bihanze umugabo. Kugira ivyo bishoboke rero, akamaro k’ibimenyeshamakuru karakwiye gusangirwa ku rugero ruhagije kuri bose, abagore co kimwe n’abagabo. Umukenyezi agahabwa ikibanza kimukwiriye muri ico gisata.

Hamwe twese twobona ibintu muri iyo ntumbero, nta nkeka  ko abakenyezi bakora uwo mwuga bokwiyongera, bagashwara imihingo itandukanye y’igihugu, bagasanga abakenyezi benewabo ku kivi, maze amakuru ajanye  n’akabakiye abakenyezi akaba menshi. 

*:yahinduriwe izina

 

Quitter la version mobile