Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi : tuzirikane impunzi zacu

Sokuru ati: «Ubusimbi busangiye amajanja ntibuhishanya amajambo.» Ni igenekerezo rya 20 Ruheshi, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Mbega Abarundi bene wacu bahungiye hanze y’igihugu bamerewe gute? Reka tubice muri make hano.

Uno musi ugeze igihugu cacu kiza mu vya mbere bifise impunzi nyishi zahungiye hanze y’igihugu, haba ku mugabane w’Afrika, eka no ku yindi migabane igize isi. Nk’uko vyerekanwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho  impunzi “HCR”, kandi bikaba vyaremejwe n’umuvugizi w’iryo shirahamwe, itariki 1 Nzero 2019 mu nama i Geneve,  impunzi z’Abarundi zibayeho mu buzima butoroshe.

Mu cegeranyo cakozwe kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2019 n’iryo shirahamwe HCR, cerekana ko impunzi z’Abarundi  ziri mu bihugu bibabanyi zababa ibihumbi 393 500. Abo bose bakeneye gufatwa mu mugongo kugira babeho, bategure na kazoza kabo; bigende gute?

Iyo bari n’ingene babayeho

Abenshi bari mu bihugu bibanyi. I Tanzaniya hari abangana 192.160, mu Rwanda hakaba 71.490, Repuburika iharanira intwaro ya demokarasi ya Congo nayo ikaba ifise 44.027, mu Buganda hakaba 39647. Si aho gusa, no mu bindi bihugu; nka Mozambike hari 8700, Malawi hari 7700 , na  Zambiya ifise 4900, baza biyongera kuri birya bitigiri vya mbere. Vyose tubisoma muri ca cegeranyo navuga aho hejuru.

Izo mpunzi zikaba ziri mu makambi atandukanye yo muri ivyo bihugu. Inzara, indwara zitandukanye, ugufatwa nabi n’abo badasangiye iguhugu, ugukubagurwa hamwe n’ayandi mahano adaha agaciro ikiremwa muntu, ni zimwe mu ngorane babayemwo iyo hakurya. Kugira zifashwe, hakenewe imilioni 296 z’amadolari y’amanyamerika, muri uyu mwaka wa 2019 gusa, nk’uko rya shirahamwe mpuzamakungu HCR ribimenyesha, mu mugambi w’akarere ugamije gufasha izo mpunzi.

Ariko rero, kuva mu kwezi kwa Nyakanga 2017; impunzi  zingana ibihumbi 55.000 zarafashe umugambi wo kugaruka mu gihugu c’amavukiro, ku bushake bwabo. Uyu musi, abamaze gutaha bakaba bababa 116.000. Igice kini cabo kiva muri Tanzaniya. Muga rero n’aba nyene, ugutaha kwabo kwafashwe mu mugongo ku giciro c’imiliyoni 75,1 z’amadolari y’amanyamerika.

Harabaye ntihakabe!

Abarundi bene wacu bagorewe mu buhungiro ni injojo, nk’uko ivyo biharuro biri aho hejuru bivyerekana. Uburundi bwimirije amatora, aho bukera, mu mwaka w’2020. Abatari bake mu bahunze, babitewe n’indyane za poritike zagiye zaduka mu bihe vy’amatora, ariko kandi hakiyongerako kahise gahahamura, kagiye karazingamika Uburundi. Ubwo mu mwaka uza, ntihazohava hiyongerako abandi?

Kuri uyu musi uri hejuru rero, ikibazo mfise ni kimwe: bituruka he ngo tube turiko turarya tukanaryama, mu gihe abo dusangiye igihugu bagorewe iyo umwana arira nyina ntiyumve? Umuririmvyi Canjo Amisi ati: “Turi abavukanyi, turi abavandimwe, turi Abarundi twese”; nta Murundi yari akwiye kwongera kubabarizwa hanze y’igihugu ciwe, abatari bake twarahaciye, turahazi, nta wohipfuriza incuti canke umugenzi.

 

Quitter la version mobile