Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ibidukikije : ugukoresha utumwanya birabujijwe, ariko…

Kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi, isi yose yari iramutse ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe gukingira ibidukikije. Ivyo biba buri mwaka. Si agaseseshwarumuri, inyifato y’Abarundi batari bake, iragaragaza ko bataranyurwa n’umugambi w’isi yose wo gukingira ibidukikije. Muti none ingaruka z’ivyo vyose ni izihe? Umuti wo woba uwuhe?

Hariho ubwoko 2 bw’utumwanya : udushobora kumara imyaka 400 tukimeze neza naho twoba twaratawe, n’utundi tutarenza imyaka 5, kuko duca dutangura kubora. Utumwanya duteye ingorane mu Burundi rero, ni utwo tumara imyaka 400. Ikindi ni uko utwo tumwanya duheza tukadusanga mu kiyaga ca Tanganyika; aho naho, turabangamira ubuzima bw’ibinyabuzima biri mu mazi. Mugabo, ivyo vyose biraheza bikatugarukako; kuko burya bituzanira indwara nyinshi. Ivyo tukaba tubiyagirwa n’uwo benshi bazi nk’ “umugenzi w’ibidukikije”, ambassaderi Mbonerane Albert.

Nk’akarorero, mu Buterere, hari ikibanza cagenewe gutabwamwo iyarara (“site de décharge” mu gifaransa) hegereye uruzi Kinyankonge; iyo rero imvura iguye, iryo yarara rica ryisuka muri urwo ruzi, rigashika mu kiyaga ca Tanganyika.

“Ugukoresha utumwanya birabujijwe!”

Ubwo Abarundi turibuka ko hari itegeko rihagarika ugukoresha utumwanya mu Burundi? Ingingo ya 3 y’iryo tegeko ivuga iti: “Ugukora, ukwinjiza mu gihugu, ugushingura, ukudandaza n’ugukoresha utumwanya twose n’ibindi bitekezo bikozwe mu kamwanya birabujijwe.” Ingingo ya 4 nayo irerekana urutonde rw’ibikoresho bikozwe mu kamwanya bidakorwako n’iryo tegeko rishasha; ni nk’imipfuko n’utumwanya bishobora kubora, utumwanya dukoreshwa kwa muganga, udukoreshwa mu gutekera mu mahinguriro no mu gutekera imiti, utumwanya dukoreshwa mu kubaka mu buhinga bunonosoye harimwo n’imiringoti itwara amazi, utumwanya dukoreshwa mu gukora amahema, udukoreshwa mu masuzumiro akora ubushakashatsi hamwe n’udukoreshwa mu mashure nk’ibikoresho mfashanyigisho.

Ingingo y’7 na yo, mu gice cayo ca 4, iravuga ko utumwanya, amacupa n’uducupa bikozwe mu kamwanya, bitegerezwa gusubizwa abadandaza, akaba ari bo babibika, bakabihinguramwo ibindi bintu.

Yamara, ata gikozwe…

Abategetsi b’igihugu bose, guhera ku batwara imitumba gushika ku bakuru, bakwiye gukurikiranira hafi ko iryo tegeko rija mu ngiro, kugira abanyagihugu batangure kumenyera gukoresha utumwanya tutonona ibidukikije. Harakwiye kandi kuronderwa ikindi kibanza co gutamwo iyarara; uyo nawo ni umugambi ukomeye woshobora kurangurwa na reta gusa.

Dufatiye kw’ibwirizwa inomero 1/010 ryo kuwa 30 Ruheshi 2000 ryerekeye igitabu c’amategeko agenga ibidukikije mu Burundi, rivuga ko “gukingira ibidukikije biraba zina muntu wese”. Gutyo rero, hokorwa ibikorwa rusangi kugira turabe aho utwo tumwanya turi hose, tutwegeranye hama turabire hamwe ico twokora twamaze kutwegeranya. Hoba kandi isuzumwa mu masoko n’utuguriro twose twemewe n’amategeko, kugira barabe ko ingingo yubahirijwe.

 

Quitter la version mobile