Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Itabi : «iyo menya»

Ejo bundi, hari uwuheruka kwandika kuri runo rubuga yigana impamvu zituma abantu baguma banywa itabi kandi batayobewe ububi bwaryo. Yanyibukije vyinshi kw’itabi ; ngira ndabaganirire ayo nariboneyeko.

Ni mu kwezi kwa ruheshi, umwaka w’2008, jewe n’umugenzi wanje dukwije imyaka 18 ; igihe co kwiyumva ubusore kirageze. Akenshi, mu masaha y’umuhingamo, bugingo twavuye ku mashure, twarakunda guhurira kw’ibarabara, canke tukaja inama yo kuja kuyebayeba irya n’ino mu gisagara ca Bujumbura. Bwije, tugataha. Twakunda kuganira ivy’inkino z’umupira w’amaguru. Kugeza umusi twafata umugambi wo gutangura gusogota agatabi.

Haraciye hafi imyaka 11, ariko ndavyibuka nk’aho womengo ni ejo haheze. Kuri uwo mugoroba, turiko turayaga ivy’amakuru y’inkino y’ico gihe, mu mutwe iwanje nagira iciyumviro co guhonja itabi. Umugenzi wanje aranshigikira. Maze, ngura amatabi  abiri, rimwe ry’iwanje n’irindi ry’uwo mugenzi.

Nk’imiyabaga yiyumva ubusore, twabona ko gukwega agatabi bisa neza kw’isanamu, kuko umuhungu arinywa twabona ko yugurutse mu mutwe kandi ajana n’ibihe. Ikindi twaronderamwo ni karya gafyeri kaboneka mu gutumura urya mwotsi w’itabi, uraramitse umutwe wirabira hejuru. Twumva ari ivya mbere.

Umwotsi wa mbere n’uwa nyuma

Bugingo nkweze umwotsi wa mbere, nandama gukorora, ndakorora n’ayo nose mw’ibere rya mama ahakwa kumvamwo. Ariko, naho jewe vyariko biranta ku w’amazi, uwo mugenzanje we ntaco vyariko biramugira. Ararikwega ararimara. Kuva ico gihe na bugingo n’ubu, aracaryihereza, kandi ageze ku rwego  rw’imisogoto y’itabi mirongo ibiri ku musi.

Nayo jewe, uwo mwotsi wabaye uwa mbere n’uwo nyuma. Ayo nahaboneye uwo musi, vyantumye ntosubire kwigerezako. Yamara, nogira nti nahawe n’Imana, kuba ntabandanije. Kuko uwo mugenzi wanje yahavuye akuramwo akarambaraye ; ubu akaba yicuza icohamukura.  

«Iyo menya»

Wa wundi ngo “iyo menya” yama iza ibipfa vyapfuye, ntiyabeshe. Inyuma y’imyaka cumi n’umwe, uwo mugenzi wanje vyaramunaniye guheba iryo tabi. Aramaze kugwara igituntu, kandi, nkuko yabibwiwe n’abaganga, iryo tabi ryamubereye icuririzo catumye afatwa n’iyo ndwara.

Abo baganga nyene baramuhanuye kurihagarika kubw’amagara yiwe, ariko vyaramunaniye. Nihweje ukugene rimumereye nabi cane, vyanteye akagongwe; nca nigira inama yo kwegera umuganga w’umuhinga, kugira ndamutaratarize, ndamubarize icomufasha kurihagarika burundu.

Kubwa muganga Angelus Nindereye; yanonosoye ibijanye n’ingwara zo mu mutwe hamwe no gufasha ibijanye no guheba ibiyovyabwenge, birashoboka gufasha uwushaka kuriheba. Ati: “umuntu wese yipfuza vy’ukuri guhagarika kunywa itabi, turamuha imiti imurinda kumererwa nabi iyo yahevye. “

Ntimwitinye rero, mushaka gutera iyo ntambwe yo guhagarika, nimubitumenyeshe.

 

Quitter la version mobile