Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Agakete ku bakobwa barenza imyaka 30 batararongorwa

Ubuheruka, kuri runo rubuga haraciye igisomwa kituyagira ku makuba yo gukwiza imyaka 30 umukobwa atarubaka, mu Burundi. Hari umusomyi wa Yaga rero abibona ukundi. Arabituyagira.

Bavuga ngo abahungu barinenaguza abakobwa ? Eka jewe si uko ndabibona. Ahubwo bamwe mu bakobwa ubu ni kibazo.  Bishinga ibibaryohera ku maso gusa, ariko ivya kazoza ntibavyiyumvira. Noneho baza kuvyiyumvira iyo babonye bashaje, kuko burya iyo umuntu agomba kwubaka urwiwe, na cane cane abahungu, ntapfa gutwara uw’ari we wese ; kuko benshi usanga bagiye baritwara nabi mu buto bwabo, mbere ugasanga barabikuranye.

Rero umukobwa ameze uko, umuhungu amutwaye aba yiteye ingorane we nyene. Hariho n’abakobwa badashoboka, naho boronka uwubashima batamarana kabiri, kubera ingeso zabo umuhungu aba atazikunze ; nashaka ndababwire ko naho wumva ngo bashikana imyaka mirongo itatu (30) batararongogwa, nta mwaka n’umwe batagendana n’abahungu kandi bipfuza kubatwara.

Intimba y’urukundo…

Ngomba ndabahe akarorero kamwe k’umuhungu twabana nciga kuri kaminuza ; nta myaka itatu irahaca, yari afise umukobwa bakundana, bose bakigana aho muri kaminuza. Barakundanye imyaka ishika kuri 3, mu nyuma uwo mukobwa aca abona uwundi akora mw’ishirahamwe rikomeye, wewe yifitiye amahera data wanje !

Burya uwo mukobwa aca atangura kubwira wa muhungu bakundana ati: « Gira n’ingoga untware, kandi inkwano ni imiriyoni zibiri (2 000 000 Bif), kandi ntituzoja kuba mu ntara za ruguru, ico ntikibaho ! ». N’ibindi vyinshi.

Umuhungu abiravye, akabona uburyo yari afise, ati : « Mukunzi, nagukunda, muga ivyo untegetse ntavyo noshobora. » Aca arenzako ati : « Jewe urukundo nari ndarufise, muga ko ivyo umbwiye binaniye, igire n’amahoro. »

Muti rero bipfira he?

Wa mukobwa aca aragenda no kuri wa wundi akora muri rya shirahamwe ati : « Ubu ndaje, ndakwemeye. » Aca aja ngaho aramwiganira ido n’ido ry’ukugene yahinyanyuye umuhungu bari kumwe ngo bikunde bavane ; ingene yamuhoye ko ata buryo yari afise ngo amutware.

Uwo muhungu ati : « Ni ko ko mwari mumaranye imyaka itatu ? » Umukobwa ati ime ! Umuhungu aratangara cane, aca amubwira ati : «  Uwo wamuhoye ubusa, naje ndumva ntivyokunda » ; kanatsinda yari yamuhinyuye ko yishakira uwufise amaronko ata rukundo rwamuzanye.

Umukobwa yaciye abura bose. Yarasubiriye kuja kurondera wa muhungu wa kera, asanga yarirongoreye uwundi. Si ivyo gusa, umukobwa yarahejeje amashure aca araduga ruguru iwabo, ubu imyaka 30 yarayirengeje kandi aracari aho uko.

Rero abakobwa naho bibagendera uko beshi babifisemwo uruhara runini. Wa wundi ati « ndavuga simvura », reka nce make, nsome nsohoka.

 

Quitter la version mobile