Ubuheruka, kuri runo rubuga haraciye igisomwa kituyagira ku makuba yo gukwiza imyaka 30 umukobwa atarubaka, mu Burundi. Hari umusomyi wa Yaga rero abibona ukundi. Arabituyagira.
Bavuga ngo abahungu barinenaguza abakobwa ? Eka jewe si uko ndabibona. Ahubwo bamwe mu bakobwa ubu ni kibazo. Bishinga ibibaryohera ku maso gusa, ariko ivya kazoza ntibavyiyumvira. Noneho baza kuvyiyumvira iyo babonye bashaje, kuko burya iyo umuntu agomba kwubaka urwiwe, na cane cane abahungu, ntapfa gutwara uw’ari we wese ; kuko benshi usanga bagiye baritwara nabi mu buto bwabo, mbere ugasanga barabikuranye.
Rero umukobwa ameze uko, umuhungu amutwaye aba yiteye ingorane we nyene. Hariho n’abakobwa badashoboka, naho boronka uwubashima batamarana kabiri, kubera ingeso zabo umuhungu aba atazikunze ; nashaka ndababwire ko naho wumva ngo bashikana imyaka mirongo itatu (30) batararongogwa, nta mwaka n’umwe batagendana n’abahungu kandi bipfuza kubatwara.
Intimba y’urukundo…
Ngomba ndabahe akarorero kamwe k’umuhungu twabana nciga kuri kaminuz...