LE JOURNAL.AFRICA
SANTE

Itabi : «iyo menya»

Ejo bundi, hari uwuheruka kwandika kuri runo rubuga yigana impamvu zituma abantu baguma banywa itabi kandi batayobewe ububi bwaryo. Yanyibukije vyinshi kw’itabi ; ngira ndabaganirire ayo nariboneyeko.

Ni mu kwezi kwa ruheshi, umwaka w’2008, jewe n’umugenzi wanje dukwije imyaka 18 ; igihe co kwiyumva ubusore kirageze. Akenshi, mu masaha y’umuhingamo, bugingo twavuye ku mashure, twarakunda guhurira kw’ibarabara, canke tukaja inama yo kuja kuyebayeba irya n’ino mu gisagara ca Bujumbura. Bwije, tugataha. Twakunda kuganira ivy’inkino z’umupira w’amaguru. Kugeza umusi twafata umugambi wo gutangura gusogota agatabi.

Haraciye hafi imyaka 11, ariko ndavyibuka nk’aho womengo ni ejo haheze. Kuri uwo mugoroba, turiko turayaga ivy’amakuru y’inkino y’ico gihe, mu mutwe iwanje nagira iciyumviro co guhonja itabi. Umugenzi wanje aranshigikira. Maze, ngura amatabi  abiri, rimwe ry’iwanje n’irindi ry’uwo mugenzi.

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Premier cas confirmé d’Ebola à Goma à l’est de la RDC

BBC AFRIQUE

Ebola : un deuxième vaccin introduit en RDC

BBC AFRIQUE

Tokyo 2021: des Sud-Africains positifs malgré une défaite face au Japon et le Covid

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights