LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

« Umukoresha wanje ni we yatumye ndandaza umubiri »

Turakunze kubona abigeme canke abakenyezi bakora umwuga wo kudandaza umubiri. Uretse abiyumvira ku ngaruka mwe n’uwo mwuga ushobora kuzanira abawukora, ni bake biyumvira ku mvo zatumye abo bigeme baja muri ivyo bikorwa; kuko hari ababigiyemwo batabishaka. Hano, Nshimirimana Venansiya aratwiganira uko vyamugendeye.

Navuye mu ntara ya Karusi mu 2006. Nari nje gusaba akazi k’ukurera umwana. Nazanywe n’uwundi mukobwa tuvuka hamwe. Nshitse mu gisagara ca Gitega, naronse akazi ko gucuruza ibutike. Iyo ni yo ntango ya vyose.

Nagakoranye umwete n’ubwira bidasanzwe, kuko na none nari naje ndagashashaye. Sinigeze ngira uruhombo n’umusi wa rimwe. Igihe cose databuja na mabuja baje kurimbura, bama basanga hari inyungu ishimishije. Maze nabo baranererwa, baramfata neza. Nabayeho ico gihe cose numva ko mfise ivyizigiro vya kazoza keza, kugeza igihe databuja ampindurira uburyo dusanzwe dukorana.

2010: “utampaye…”

Inyuma y’imyaka ine, akabiri karayagayaga; nk’umunyagisagara nyene. Ngo ngire ntya, numva databuja atanguye kunsaba ko tworyamana; ntavyo nari bwigere ndamwumvana, kuva ntangura akazi. Numva isoni zirandenze, ndamuhakanira. Ariko ntiyagarukiriza aho.

Uko imisi yagenda, yakomeza kuza arabimbaza, yisubiri...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

[Reportage] En Centrafrique, avec les déplacés de Birao

RFI AFRIQUE

Burkina Faso: le lynchage de trois fonctionnaires provoque l’émoi

RFI AFRIQUE

Sud Soudan : lutte pour traiter la mal nutrition

LE JOURNAL.AFRICA
Verified by MonsterInsights