Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Vyokunda ko musangira umukunzi n’uwundi muntu ?

Nahora numva bavuga ngo : « Nta muntu yokunda abantu babiri ». Naratevye ndabona ko bishoboka. Ng’uku uko vyangendeye.

Mu misi mikeya, ndarangiza amashure yanje ya kaminuza. Mélissa, ni umukobwa twigana, turangana mu myaka, tuva hamwe.

Vyose vyatanguye tugeze mu mwaka wa kabiri; mbona imigenderanire hagati ya twe n’uwo mukobwa ikomeza gukura uko imisi ihera. Haraciye igihe dusangira akabisi n’agahiye, arananganirira ko afise umuhungu bapfunditse ko amurindiriye, niyaheza amashure bazoce bagira ubugeni. Maze atako aranaduhuza n’uwo muhungu. Ariko rero, ivyo ntivyatumye ubugenzi bugabanuka canke ngo buhungabane hagati yacu ; twagumye kwa kundi.   

Kw’ishure, abatubona bose, na cane cane abo twigana, bavuga bati : «Luka na Melissa, rurya ni urugo rwigendera ». Ariko ivy’uko twoba turi muri ubwo bugenzi budasanzwe, ntavyo twari bwigere tuganira hagati yacu.

Umukobwa arateba aransokoroza

Haciye igihe kitari gito, tugorobeza twicarana mu kabare, dusangira twongera tuyaga. Vyari bihimbaye cane. Turiko turataha, numva umukobwa arambajije ati :« Luka, urukundo unkunda rungana gute ? » Ico kibazo numva kinteye amakenga menshi, mu gihe naziga ko ivyo gukundana twari twabaye turabizibira hakiri kare, hamwe yanyereka wa muhungu bazokubakana.

Arambandanya ngo nindamwishure. Ndamubwira nti : muri jewe numva ari ibisanzwe, uri umugenzi ashika gusa, co kimwe n’abandi bagenzi b’ukuri nsanganywe. Ubwo nyene mbona amosozi amutanze hasi, ntiyasubira kumvugisha, aca aranansezera arataha.

Iryo joro ntitwasubiye no kwandikiranira na bwa butumwa bwo kuri ngendanwa. Bukeye ndamwandikira nti : « narabonye ko nakubabaje, nashaka tubonane dusubire kubiganirako »; arabinyemerera, turafata isango.

Insigabwenge

Tumaze kubonana, ndamusigurira nti : burya, kuva igihe unyeretse urya muhungu mwimirije kubakana, nari nzi ko ari inzira yo kumbwira ko mu bugenzi bwariko burakura hagati yacu, kizira kikaziririzwa ko nokwiyumvira nk’uwo twohava tukagiranira ubwo bucuti budasanzwe. Ariko warabonye ko bitatosekaje imigenderanire yacu, kandi vy’ukuri sinigeze numva ko vyomera nka kurya k’uriya mwagiraniye isezerano ry’uko yokurindira.

Umukobwa yongera kurira, ariko ubu hoho arampishuka ati :« Vy’ukuri, uriya sinigeze ndamuheba, turacari mw’isezerano kurya nyene. Ariko nawe numva ndagukunda. »

Niko kunyihanikiza ngo ntaze ambone ndiko ngendana n’uwundi mukobwa nk’uko tugendana na we. Ngo vyomubabaza cane mu mutima. Ubu nanje naratevye ndabona ko ndamwiyumvamwo. Ikibazo mfise ubu n’iki : « Nemere dufatane hama nsagira umukunzi n’uwundi muntu ? »

 

Quitter la version mobile