Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Igiturire mu mabarabara: n’ingenzi zibifisemwo uruhara

Iyo havuzwe ivyo gutanga no kwakira igiturire mu mabarabara, hatungwa cane urutoke abapolisi bakirya hamwe n’abunguruza abantu, ari bo bene kugitanga.Womengo ingenzi zirera. Nasanze atari ko bimeze.

Nta ndwi irahera mfashe urugendo, mva i Ngozi ngana i Gitega. Ngishika ku gituro c’imiduga, nuriye muri twa tuduga bita « probox » tutarekuriwe kurenza abantu batanu n’umudereva arimwo. Nagize gutya mbona umudereva adupakiye turi indwi.

Nkicereka umudereva ko azoba arengeje abo arekuriwe, abo twari twicaranye barankankamiye bati: « Erega muntu haga imitima, wohimbarwa imodoka ibasize kandi batabuze aho bisobekeranya ? ». Iryo jambo ryarateye intege umudereva, nanje mbura ico nsubizayo. Hampande y’umudereva twaciye tuhicara turi babiri, inyuma naho bakwiza batanu.

Ugusasira indava ikibi

Tumaze gufata urugendo, twegereje ikirindiro c’abapolisi, umudereva yarahindukiye adusaba uwoba afise inoti ya bibiri yihera abapolisi kubera rwiwe atari avunje. Ata nkomanzi, umwe yazanye igihumbi, uwundi azana ikindi, baha umudereva. Nawe ashira mu vyangombwa vy’umuduga. Bagize baramuhagarika, abaha ivyangombwa yihuta, maze umupolisi abikubise ijisho, aratureka ata vyinshi yiriwe aratubaza.

Tugira dushikire ikirindiro gikurikira, umudereva yaridoze ko abapolisi b’aho bazira igiturire. Umwe mu bo twari kumwe aca amugira inama ati : « Hagarika abunguruza abantu ku makinga babiri, hama babiri muri twebwe bagende n’ayo makinga, batwitangire imbere gatoya, kugira urengane abapolisi ukwije amategeko. » Ata guhigimanga, ba bantu baravyemeye, bituma turengana abapolisi vyitwa ko imodoka itarengeje igitigiri.

Twikubite agashi

Ukutubahiriza amategeko mu mabarabara, arivyo bivyara igiturire, biragisibije ngaha mu Burundi. Ivyo bikaba ariyo ntandaro y’amasanganya mw’ibarabara, aho mw’uyu mwaka uheze abitavye Imana kubera ayo masanganya barenga mirong’umunani.

Ikibabaje rero kuruta vyose, n’uko mur’izo ngenzi zinebagura ngo igipolisi ntikizira igiturire, ariho hava abafata iya mbere mu kwemera kurenzwa ku gitigiri categekanijwe, ndetse bakanafasha mu gutanga igiturire n’ukugisasira indava mu kwemera gukina amayeri y’abo batwunguruza. Twikubite agashi, duhindure ingendo.

 

Quitter la version mobile