Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi: hari inyifato zikwiye guhinduka ku bajejwe umutekano

Muri ino misi, ingeso ishusha n’ugusegerereza iribonekeza cane mu bapolisi bamwe bamwe baraba uruja n’uruza mu mabarabara. Ni ingendo iteza urubwa urwego rw’inyamiramabi, igasasagaza umuco wo kurya ibiturire. Noba ndabibona uko jenyene?

« Nyakugira Imana, ntaco unsigiye none? » « Amazi yazindutse ageze kure bosi» « Mwenewa, ngirira Pasika none! Impa umwaka mushasha. » N’ibindi bitandukanye…  

Niwaba umaze kugendera mu modoka, ugahura na bamwe muri ba bapolisi basuzuma ivya ngombwa biranga ingendeshwa, uramaze kumva ayo majambo. Kandi, ndashobora kwemeza ntihenda ko, ku ncuro zitari nke ayo majambo yavuzwe, umudereva yaciye akora mu mufuko, asokorora akanoti k’ibihumbi bibiri, gutyo mubona kubandanya urugendo. Ndabeshe?

Wa wundi ati “akabi gatwengwa nk’akeza”, ayo majambo maze kuyumva kenshi, mu bibanza bitandukanye mu gihugu cacu. Igitwengeje kikanatangaza rero, bene kubikora bose umengo bavyize hamwe. Muga rero bamwe, hari ukuntu babikora, wabumva ukagira uti Ryududuweee!

Indya y’umugayo

Ejo bundi, turi kumwe n’abo dukorana twazindutse dufata urugendo rw’akazi, hagati mu gihugu. Tugeze muri komine ya Matongo y’intara ya Kayanza, abapolisi baraduhagarika. Umwe muri bo aratwegera, adusaba ivya ngombwa, asanga vyose birakwiye. Aho kuturekura ngo tugende, atangura gusuzuma ibindi, akibazisha n’ibitanditse mu mategeko. Abuze ikosa atora imodoka twarimwo, arunama, abwira umudereva ati: “Nyakugira Imana, raba unsigire na makeya nje kwumviriza ko ururimi rukiri mu kamwa; kuva buca ntaco ndashira mu kanwa.’’  Mwe n’abo ni babandi babanza gukoresha umukazo mu gusaba; kuko nyene babanza kukwigenzako.

Hari rero n’abicisha bugufi, wabumva ukagira uti iyo haba hariho ihiganwa ry’ugusega,… Akarorero: mu rundi rugendo hamwe n’umuryango, twari duherekeje mwenewacu gushikana ubuvyeyi. Bugingo tugeze i Nyakararo mu ntara ya Mwaro, umwe mu bapolisi bari ku kirindiro c’aho araduhagarika. Ntiyarinze aranatubaza ivya ngombwa. Agirako nk’umuryi w’igisahira ati: « Ndabaravye ukuntu mushajije, sinipfuza kurinda kubavugisha menshi ; ndabona ko muri beza kandi mwikwije. Enda rero raba ku two mugemuye, munsigire nanje mpave nivune umusase ninagodoka.’’ Umwe muri twebwe afatwa n’ikigumbagumba c’impuhwe, kera aba yakoze mu mufuko asokorora akanoti k’amafaranga 2000, aramuha. Wa mupolisi aca aradusezera n’amaboko yompi, n’imihezagiro itagira uko ingana, turabandanya.

Urubuze inkware

Mu mihingo nka yose y’igihugu bariyo. Udahuye n’uwusabisha igikenye, uhura n’uwugutera akagongwe.

Vyambereye ngombwa ko nokwegera bamwe mu bapolisi tuzinanye; abo nizera ko batompenda, ngo ndababaze ako kageso aho bagaca. Ntakarutimana* ati: “Ahanini tubiterwa n’ubukene.  Iyumvire nawe, umuntu yiriwe yemaraye ku zuba umusi wose, akanyota ntikabura kumusinzikaza.”

Uwitwa Mariko* nawe akamwuhira ati: “Umushahara duhembwa, cane cane twebwe batobato, biragoye ko dushobora kuwikenuramwo mu twa ngombwa twa buri musi, ngo twongere tuwutungemwo umuryango, ukwezi kwose. Biba ngombwa ko twisahiriza mu gusaba ayandi mw’ibarabara, gutyo tugashobora gutunga imiryango.’’

Vyongora kwemeza ko ari kubw’imvo z’agashahara gato gusa. Kumbure hari n’izindi mpamvu zidashoka ziraja ahabona. Uwokora amatohoza y’ubuhinga, hari n’aho yobitora. Ariko, mu kurindira ayo matohoza, iyo ngendo irateye isoni !

*amazina yahinduwe

 

Quitter la version mobile