Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Imyiyamamazo : « Imbuto itewe ni yo imera »

Mu myiyamamazo yaraye irangiye, imigambwe imwe imwe yarakoresheje imvyino n’indirimbo zirimwo amajambo ateye isoni, arimwo ibitutsi. Abayamaze bati: « imbuto itewe ni yo imera. » Twohagabira.  

Hirya y’ejo, nasanze abana hafi y’aho mba, bariko baririmba ngo: “Izo mburakimazi, izo mbwa…Abo basuma ntizizodutsinda… » Igihe abo bana bariko bararirimba izo ndirimbo, abantu bakuze bari impande yabo nta n’umwe yabamira. Bamwe bari baryohewe, abandi nabo wamengo bariko baraba ireresi. 

Narahagaze ndabakankamira, ndababaza ko ivyo baririmba babizi. Ntaco banyishuye, bamwe baciye biruka kunyinyegeza mu rupangu abandi baguma ngaho, bunamika amaso. Ndabihaniza cane ko ivyo bintu batobisubira hanyuma ndabandanya iyo nari ngiye. Ubaravye mu maso, basa n’abatavyumvise, canke badatahura ikintumye ndabatatira nk’uko. 

Bigana abakuze

Ku vy’ukuri, abo bana nta kosa bafise na mba. No mu kubakarira nabahoye ubusa, kuko ivyo bariko bararirimba bariko bigana  abantu bakuze babiririmvye. Kandi bo banyakugira Imana bazi ko ikintu umuntu akuze akoze canke avuze aba ari ciza. Nico gituma  izo ndirimbo baguma  bazisubiramwo. 

Aho n’aho nababujije, bazibitse ku mutima, umusi uri izina bazoguma bazibuka. Hari n’izo bazosanga bagendera; na canecane nk’izibiba urwanko canke zirimwo ayandi majambo aremereye.

Ingaruka mbi 

Izo ndirimbo zo gutyozanya abanyamigambwe bakoresha zifise ingaruka mbi  kuri kazoza k’abana.  Inkurikizi mbi iza ubwa mbere ni ukwigisha abana indero mbi, itandukanye n’umuco mwiza w’ikurundi uhimiriza Abarundi kwubahana no gusonera umuntu wese. Ejo bizotugora guhanura no guhana abana bariko baratukana, kuko ni twebwe turiko turabibigisha ; n’Abarundi barayamaze bati : “Wiba uhetse ukaba uriko wigisha uwuri mu mugongo.”

Ayo majambo mabi ashobora gukwega kandi urwanko hagati y’abana bafise abavyeyi bari mu migambwe intandukanye. Kubera ko umwana ashobora gufatira kuri ya majambo ari mu ndirimbo z’umagambwe w’umuvyeyi wiwe, bigatuma yanka canke atuka abana bafise abavyeyi bari mu yindi migambwe. Ibaze nk’uwokwanka ko bicarana mw’ishure, eka mbere ntiyipfuze n’uko bosangira ibitabu. Tugasanga abana bakuze bafise abantu banka batazi ico babahora. 

Twigaye…

Twaracumuye kuri ba Sogokuru no ku Mana yaduhaye umuco mwiza w’Abarundi. Aba mbere bokwigayira ni Abanyamigambwe, kuko ni bo bari gufata iyambere mu guhimiriza abanywanyi babo gukoresha indirimbo zitarimwo gutyozanya canke gutukana; nyabuna bagashira imbere indirimbo zirimwo imigambi baranguye canke bipfuza kurangura, mu mvugo yubaka. 

N’umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’i gihugu nawo nyene, uruhara rwawo ni ntangere mu gukingira abana, imico n’imigenzo mu Burundi. Wari kwubahiriza bimwe biboneka amategeko ahana abanyamigambwe bakoresha indirimbo n’ajambo vyo gutyoza no gutukana. Ya mashirahamwe aharanira agateka k’abana, mbe yari he?

Ivyabaye muri iyi myiyamamazo ntibikongere kuba mu yindi twimirije. Twaracumuye tubizi, n’ibigirankana, no mu kwiyobagiza ivyo twategerezwa kumenya. Twigaye, dusabe ikigongwe ba sogokuruza n’Imana, twigarure ntituzobe tugisubira.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
Quitter la version mobile