• Home
  • CULTURE
  • Mwari muzi ko kera abavyeyi bataherekeza abakobwa babo kurongorwa ?
CULTURE

Mwari muzi ko kera abavyeyi bataherekeza abakobwa babo kurongorwa ?

Aho hambere hahise carazira kikaziririzwa ko abavyeyi baherekeza abakobwa babo kwabirwa. Mu nyuma vyahavuye bihinduka, na cane cane mu gisagara. None vyoba ari bibi canke ni vyiza ? Vyahindutse gute ? Twaregereye inararibonye.

Mu mayagwa y’ikirundi, hariho igitutsi kivuga kiti : « Urakagira uko ubukene bugize, uherekeze umukobwa wawe kurongorwa !» Aho bica vyumvikana ko kubikora waba umenje. Ubu hoho, abavyeyi baraherekeza abakobwa babo bakavuga n’ijambo ku mugaragaro.

Padiri Ntabona amenyesha ko vyagiye birahinduka abona. Ati : « Mu mwaka w’1974 bishira 1975, ni ho nabona umushingantahe ntarinze kuvuga izina w’aha mu gisagara, aherekeje umukobwa wiwe. Kandi mbere ni je namuhanuye ko yomwijanira. Naramweretse ko ata kibi kirimwo. Aho rero yari ansavye ko nohamubera nkamuvugira ijambo. Ico gihe nigisha kw’Iseminari nkuru. Yaranyumviye arabigira kandi vyari bihimbaye. »Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI