Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amapikipiki muri Mukaza : « Twari twizigiye gusomera none…»

Mu misi iheze, abagendesha amapikipiki n’amakinga barasubiye gukorera muri Komine Mukaza, inyuma y’imyaka ine n’amezi abiri bidakunda. Igihe bari bahagaritswe, ababa muri iyo komine bari babaye mu bibazo vyo kwiyunguruza, kubera uburyo bw’umurengera vyabatwara. Ariko, ingingo yo gutezura yamaze umwanya urume rumara. Ntivyoroshe. 

 

 

Imyaka ibiri inyuma y’ifatwa ry’iyo ngingo, ku rubuga rwa Yaga, haraciye inkuru igaragaza ibibazo iyo ngingo imaze gutera abatari bake. Ico gihe, abaserukira abatwara amapikipiki ntibasiba gusaba umubonano ku bategetsi ubudahengeshanya, basaba ko iyo ngingo yosubirwamwo. Ariko, nk’uko na canecane inzego z’umutekano zabivuga, gusubira kubona ipikipiki muri komine Mukaza wari umuziro uzirwa. 

Baba abagendesha ayo mapikipiki canke amakinga nayo, eka n’abazifata mu kwiyunguruza, bose barazerutse. Bamwe babika ingendeshwa zabo nk’umanitse isuka ku gisararwe ca Mukakaro, barifumbereza. Abazifata mu kwiyunguruza nabo bamenyera kwihanganira amabisi rimwe na rimwe atihuta kandi ashaje ; abananiwe no kwihangana bakahagenda n’amaguru. Muri ico kiringo cose, uwutashoboye kugenda n’amaguru canke ngo afate bisi, yarahahombeye.

Twarahahombeye

Kugira dutahure urwo ruhombo, reka twifashishe iyi nkuru ya Matunu, aba muri karitiye ya Jabe. Uyu musore w’imyaka 29 afise akazi ko kudandaza ibutike ku rya Muyinga muri Rohero II, ibimusaba imisi yose kwiyunguruza n’itagisi, kuko ari bwo buryo bwonyene ashobora kuronka. Iyo atomboye, agenda n’itukutuku, ariko nayo nyene hari aho imwankira ngo ntihemerewe. 

Gufata ibisi akaja mu gisagara, hanyuma akazunguruka, ntibimworohereza kuko asanzwe afise ikibazo c’amafyigo, ntatambuka umwanya munini; kandi aho akorera ni mu kabare kari hafi y’ibarabara ryitiriwe Uprona. Urumva yofashe agakinga, ntibimworohera. Kugira yumve amahoro, agenda n’itagisi y’2 000 imisi yose mu gatondo, no ku mugoroba. 

Dufashanye guharura. Ku musi, Matunu asohora n’imiburiburi amafaranga 4 000 vy’amarundi yo kugenda no kugaruka. Tuyashize ku kwezi, dusanga asohora 4 000 x 30 =120 000 vy’amafaranga y’amarundi. Kuva iyo ngingo ijaho, hamaze guca amezi agera kuri 62. Duharuriye kuri ayo mezi, dusanga Matunu amaze gusohora amafaranga yababa 7 440 000 y’amafaranga y’amarundi. Aho rero ntidushizemwo n’ibindi bishobora kuba vyamukeneye gihutihuti, ugasanga akoresheje ayasumba ayo twavuze ku musi. 

Iyo yaba agenda n’ipikipiki naho, amafaranga ntaba angana uko. Aba ari makeya cane. Ku musi umwe, aba akoresha amafaranga 1 000 kimwe gusa. Vyumvikana ko ku kwezi, yari gukoresha 30 000, nayo muri ya myaka itanu akaba yakoresheje 1 860 000; bikagira itandukaniro ry’5 580 000 y’amafaranga y’amarundi. 

Urwo ruhombo ni runini cane, ari na co gituma isubiwemwo vyanezereye abatari bake. Igifatwa bariruhukije. Kukaba nkakwo, abantu bariko bahomba uburyo bwinshi.

Amareshamugeni 

Ikibabaje, ni uko budakeye na kabiri, kuva amatora abaye, n’ubundi za pikipiki n’amakinga vyasubiye kuburabuzwa. Ntivyasubiye kujabuka ibiraro nk’uko vyahora. Bamwe bari biruhukije, bakabona ko ubuzima bugiye kuborohera, basanga bizigiye gusomera none bararumanze.

Ikigaragara, ni uko kubona iyo ngingo bayisubiyeko, bizogoza ubuzima bw’abatari bak. Udufaranga twabo dusubire guherera mu kwiyunguruza.  Icoba ciza kandi cofasha, ni uko indongozi zigiye kujaho mu misi iri imbere zoshira imbere ineza y’umwenegihugu, zikamutezurira,  na rirya benshi mu Barundi basanganywe amikoro make. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
Quitter la version mobile