Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi : amakuba y’abigisha bo mu gihugu hagati

Ishirahamwe Unesco ritegekanya abanyeshure bari hagati ya 14 na 20 ku mwigisha umwe, ariko abigisha bo mu Burundi boba ivyo bitigiri babirenza incuro nka 3 canke 4 kubera igwirirana ry’abantu.  Ico kibazo co gisangiwe n’abigisha bose, ariko, wa wundi ati akabi karasumbana, abigisha bo mu gihugu hati hari amakuba bisangije nk’uko Terensiyo* wo mu ntara ya Rutana abitwiganira. 

Ndangije amashure, sinatevye kuronka akazi. Nashikiye kwigisha kw’ishure shingiro riri hafi y’aho mvuka,  ahantu nagenda iminota cumi n’itanu gusa. Inyuma y’imyaka ibiri nkora, nashimanye na Bujeniya*, umwigisha wo kuri iryo shure nyene nigishako. 

Agashahara twaronka karashobora kudutunga ukwezi kwose kubera twakorera hafi y’aho tuba kandi twariha amafaranga make y’inzu; ibihumbi mirongo itandatu. Mu nyuma hoho, twigiriye inama yo gusaba ingurane itari nto yokwiyungunganya mu migambi y’iterambere ry’umuryango. 

Ibintu birahinduka…

Mu gihe Reta yafata ingingo yo guhindurira abigisha amashure bigishako, iyo ngingo ntiyatworohereje na gato twe n’umupfasoni wanje. Twese yadukozeko, ubuzima bwacu buhinduka tubona, nayo imigambi yacu ipfira mu nzira. 

Kandundura, iyo ngingo yaradutandukanije. Jewe bankuye aho nahora nimandagaza nk’aka kanya nkaba nshitse baca banshira ku rindi shure kure y’aho naba, nawe Bujeniya wewe bamuraririza mu yindi komine; yariha itike y’8000 ku musi kugira ashikeyo. 

Mwibaze namwe urugo twari twiyemeje kwubaka uko rwaca rumererwa.

Gusubira i bwana?

Twaravyihweje. Turaraba ukuntu iyo ngingo yafashwe ariko ku gashahara ata na kimwe congeweko, tubona kwama ariha amafaranga nk’ayo, n’agashahara kose kohererako. Ni ko gufata ingingo y’uko umukenyezi n’umwana w’umucuko bagenda kuba hafi y’aho yakorera, nta kundi twemera gupanga iyindi nzu. 

Nanje kugira ndabe ko nogabanya amahera yo gupanga, naciye nemera gusubira i bwana, nja kubana n’imisore aho naba imbere y’uko nubaka. 

Dukumburanye, turavugana tugahura inyuma y’ukwezi canke ikindi gihe cose akaryo kabonetse, ariko ntivyoroshe.

Akari inyuma…

Akazi kamaze gutangura ntivyoroshe. Natanguye gutahura umuruho abigisha bo mu mice itari ku migwa mikuru y’intara, y’amakomine canke mu bisagara bagira. Burya nasanze twitwa abigisha twese ariko tukaba tutaruha co kimwe. 

Ubu agatiro nakagize umuziro. Mvyuka isaha cumi n’imwe z’agatondo nkitegura kugira sincerwe. N’iyo hazindutse imvura, ngenda ndacokomera ngashika navurumvundiye ; hari n’aho bishika nkanasiba kuko aho nca hose hameze nabi. 

Kubera ari kure kandi ngenda n’amaguru, ngera gushika aho nkora narushe, akuya kandeze,  uko nyene ntegerezwa kuguma mpagaze amasaha indwi canke umunani imbere y’abanyeshure ; ngera gutaha nasanzaye ngaca mfata rwa rugendo.

Ni vyiza ko abigisha muri rusangi bagarukirwa, ariko ubiravye neza, hari abageramiwe gusumba abandi. Abigisha bakorera mu gihugu hagati ahantu hatagira amabarabara, ata kindi kiri bubunguruze atari amaguru yabo ; n’uburuhe n’akantu bagategerezwa gutegura ivyo bigisha, bagatako bagakosora impapuro amajana n’amajana, si icoroshe. 

Ahasigaye ukumva batwidogera ngo dutanga umwimbu utari mwiza, na none twagerageza! Ni ukuri Reta irakwiye kwiyumvira kuri abo bantu nabo.

 

Quitter la version mobile