LE JOURNAL.AFRICA
SANTE

Covid-19 : impanuro 8 zobafasha gukingira abana banyu mu kubaganiriza kuri ico kiza

Abatari bake bamaze kurengerwa n’ivyo twumva hirya no hino bivugwa ku kiza ca Coronavirus (Covid-19). Ntibitangaje ko ivyo abavyeyi bibaza, n’abana babo bitabasiga uko vyabasanze. Ikibabaje rero, ni uko bigora cane abakiri bato kwitondera inkuru ziva irya n’ino ku mboneshakure n’imbuga ngurukanabumenyi zivuga ico kiza na rirya bisanzwe bizwi ko bakarirwa n’ishavu, umubabaro n’imyitwarariko. Niho rero baba bakeneye uwubafasha kubatahuza uko bakwiye kwifata mu bihe nk’ibi. Izi mpanuro zikaba zatanzwe na UNICEF.

1. Babaze ibibazo vyumvikana hanyuma mwumvirize inyishu batanga

Na ntaryo, banza mutumirire abana banyu kuvugana kuri ico kiza, mwumvirize ubumenyi bafise kuri co. Akaba akiri muto cane ata na kimwe azi kuri ico kiza, ntibikenewe ko mumuyagira ibicerekeye. Mwigishe nyabuna gukurikiza amabwirizwa y’isuku igihe cose mubonye akaryo, ariko mutabateye ubwoba. Mu gutanguza ikiyago n’abana, mushobora kubicisha mu dukorwa nk’ugucapa canke mukabacira imigani.

Muzire umuziro ntimuhirahire ngo mwirengagize ibibazo bababaza canke ngo mubisuzugure. Bereke ko mubatahura kuba bagira ubwoba bw’ iyo ndwara, ko ari ibisanzwe kwumva ubwoba mu bihe nk’ibi. Bereke ko mubitayeho kandi ko mubaha umwanya mu kubumviriza iyo bafise akababakiye, mubahumurize ko ari vyiza ko bababwira akababakiye umwanya wose bipfuza. 

2. Mubabwize ukuri : mubasigurire vyose mu buryo buhuye n’imyaka yabo

Kuba abakiri bato bafise uburenganzira bwo kuronka amakuru ku biriko biraba kw’isi, abakuze bategerezwa kubafasha mu kubakingira gutuntuzwa n’ayo makuru aca ivutu. Mukoreshe amajambo ahuriranye n’imyaka yabo, mwihweze neza inyifato bagira muriko murabibabwira. 

Nimba mutaronkeye inyishu ibibazo vyabo, ntimurementanye ibitari vyo. Kababere akaryo nyabuna ko gutorera inyishu hamwe. Imbuga ngurukanabumenyi z’amashirahamwe mpuzamakungu  nka Unicef na OMS ni inkomoko z’amakuru atohojwe neza kandi yo kwizera. Mubumvishe ko hari amakuru y’ibinyoma aguma atembera ku mbuga zitandukanye, ko ari vyiza kwizera abahinga.

3. Basigurire ingene bokwirinda bagakingira n’abagenzi babo

Inzira yo kurinda abana banyu ikiza koronavirisi n’izindi ndwara iroroshe cane: ni ukubabwiriza kwitwararika isuku mu gukaraba iminwe neza kenshi gashoboka. Mu kubibayagira mwirinde kubatera ubwoba. Mwogerageza ico kiyago kikaba mu munezero nta ngere mu gukoresha uturirimbo canke intambo igihe bishoboka. 

Mubereke ukuntu bipfukisha ukuboko igihe ariko arakorora canke yasamura, mubasigurire ko atari vyiza kwegera cane abantu ibimenyetso vy’indwara ya Koronavirisi kandi ko bategerezwa kubabwira igihe cose biyumviseko ubushuhe bwinshi, agakorora canke ingorane zo guhema. 

4. Mubahumurize

Wihweje amasanamu aca ku mbuga ngurukanabumenyi no ku mboneshakure, biroroshe ko abana babibona bata umutwe, bakabona ko ibara riguye isi igira yubame. Bafashe rero abana banyu bumve ko baremye, mubahe akanya ko gukina bidagadura. Muborohereze kandi mubandanye mubaha indero uko mwahora, mu kubatunganiriza imisi nk’uko vyahora. 

Nimba muba mu karere kamaze gufatwa n’ico kiza, guma mwibutsa abo bana banyu ko bobo kitazobafata, ko n’abafashwe bataremvye cane kandi ko abaganga bariko bakora uko bashoboye kwose kugira bakingire abana n’imiryango yanyu.

Mubumvishe ko bumvise batameze neza, iciza boguma mu mihana yabo canke bakaja ku bitaro kuko ari ho honyene hizewe. Mubasigurire ko naho hataryoshe kuba, ari vyiza gukurikiza amabwirizwa n’impanuro z’abaganga ku neza y’abantu bose.

5. Mumurinde gukomereka ku mutima no gukomeretsa abandi

Kuva iki kiza caduka, ikumirwa rishingiye ku rukoba ryariyongereye hirya no hino kw’isi. Ni ukwiyubara abana banyu ntibabe mu bakomeretsa abandi canke ngo bakomeretswe mu gukumir(wa)

Mubumvishe ko ico kiza ataho gihuriye n’urukoba rw’umutu, iyo akomoka, ururimi avuga canke ivyiyumviro vyiwe. Mubabwire ko ari vyiza kwitura umuntu akuze mu gihe cose akorewe ikosa ryo gutukwa, guturubikwa no gukumirwa kw’ishure canke mw’ibarabara. 

Mubibutse ko umuntu wese ategerezwa kubaho atekanye haba kw’ishure canke mu kindi kibanza cose gihuriramwo benshi. Ko kizira kikaziririzwa guturubika abandi, ko nyabuna bakwiye gufashanya no kwubahana igihe cose. 

6. Mubahe uburorero bwiza bubatera intege

Ni vyiza ko abana bamenya ko abantu bafashanya kandi bategerezwa kwubahana no kubabarana. 

Mubereke utwigoro turiko turakorwa n’abakora mu gisata c’amagara y’abantu, abahinga n’abarondezi, eka mbere n’urwaruka atako rutagira ngo ruhamagarire abantu kwikingira ico kiza kiranduranwe n’imizi.  Ivyo birahumuriza abo bana.  

7. Mwirinde

Kugira mushobore gufasha abana banyu, ni ngombwa ko namwe muba mushoboye kwikingira. Abana barabona igihe cose inyifato mugira mu gihe muronse amakuru kanaka kandi na bo baratekana mu gihe babonye mugumye muremye kandi mushoboye kwitwara neza mu bihe bigoye. 

Igihe mwumvise munaniwe no kwiremarema ukwihebura kukabatera, mufate akanya ko kuba mwenyene canke kumwe n’abaryango, abagenzi, canke abizigirwa banyu mu kibano. Mufate akanya namwe ko kwidagadura no kwinezereza. 

8. Mwitondere neza uko musozera ibiyago vyanyu

Ni vyiza ko abana banyu badasigarana amakenga canke ngo basigarane umwiheburo inyuma y’ikiyago canyu na bo. Uko ikiyago kigenda, ja murihweza neza uko agashavu n’umubabaro ugenda uragabanuka ku bana banyu, musuzume inyifato yabo, ijwi n’ukuntu bahema ( bashikana canke badashikana). 

Mubabwire ko bashobora kuza mukabandanya muvugana kuri ico kiza umwanya wose bavyipfuza, mubumvishe ko mubumvira impuhwe, ko mubateze yompi igihe cose bafise ikibazo kuri ico kiza. 

PS: Izi mpanuro zasaruwe ku rubuga rw’ishirahamwe Unicef

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Articles similaires

Sud-Kivu : 15 personnes en provenance de la Tanzanie mises en quarantaine à Baraka

OKAPI CONGO

Coronavirus : nécessité d’installer une antenne de l’INRB au Sud-Kivu

OKAPI CONGO

Mali: le moratoire sur la dette, une bouffée d’oxygène modeste

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights