LE JOURNAL.AFRICA
#YagaDécodeur

Ni iyihe nsiguro y’amazina Abarundi bita abana ?

Abasokuru bacu baha agaciro kadasanzwe izina. Ku bisanzwe, izina ni ryo ryemeza ko Umurundi kanaka yabayeho, ariho, yaje kw’isi. Turabire hamwe inyishu ku bibazo bimwebimwe vyerekeye akamaro k’izina mu mico y’Abarundi. 

“Izina” : izina ryisangijwe n’ikintu kimwe/umuntu umwe vs “Amazina” : ivyese vy’ishembamvugo

Igitabu Des noms et des hommes, canditswe na Philippe Ntahombaye, kiraduha umuco ku nsiguro y’ukuri y’amazina y’Ikirundi. Ku bw’uwo muhinga yanonosoye ivy’indimi, mu mico y’Ikirundi, bafata ko ijambo rihezagiye ; ari naco gituma bategerezwa kwita umuntu canke ikintu izina rifise insiguro n’ubushobozi. Mu mico y’Abarundi, umwana yahabwa izina ariko aregereza imyaka 2, nta mwana yitwa izina akivuka. Bararindira ko umwana abanza agakura, kugira bamuhe izina; “kuko ni ryo ribeshaho”.

Umwana amaze gushobora kuvuga, bamuhamagaye akitaba, se wiwe canke uwundi wese wo mu muryango avukamwo yaramwita izina rimutuma yakirwa mu kibano. Aho hambere hahise hoho nta n’amatazirano yabaho. Umurundi wese yari afise izina rimwe, ridakomoka kuri se canke ku muryango wiwe, ariko izina ryiwe bwite rigaragaza ibihe yavukiyemwo: (Nsanzurwimo, Maganya,…). 

Amazina y’uruharo abantu bitwa yari mu mice myinshi cane: amazina y’amabanga ku bantu bari bafise amabanga i bwami (ak.: Inamukomacoto, Mutimbo, Mutwenzi,…), amazina afatiye ku gihimba c’umubiri (ak.: Sunzu, Gashatsi,…), uko umuntu ateye (ak.: Kadada, Rugambarara,…), amazina ...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Bujumbura : l’histoire que vous ignoriez

YAGA BURUNDI

« Amakoperative Rwagasore », ico yari asumbije ayandi mashirahamwe yo kwiteza imbere

YAGA BURUNDI

Dix expressions héritées de la crise de 2015

YAGA BURUNDI
Verified by MonsterInsights