Ni ryari ururirimbo « Burundi bwacu » rwasamirana ubwa mbere ? Amajambo yaririmbwe umusi wo kwikukira yoba ari yo rufise uno musi canke yoba yarahinduwe ? Ni nde yarwanditse ? Mbega Uburundi bwoba bwari bufise ururirimbo rubuhayagiza imbere y’uko bwikukira ?
Icambere co kumenya, ni uko ururirimbo « Burundi bwacu », nk’uko ruririmbwa uno musi, atari ko rwahoze rwanditswe. Rwarahinduwe gatoya mu gitero ca nyuma, igihe intwaro ya cami isenyuwe muri munyonyo 1966.
Ruherezwa n’amajambo akurikira : « Horana ubumwe n’abagabo n’itekane,… » Ariko, ku ntwaro ya cami, urwo ruririmbo rwaherezwa n’umuhezagiro ukurikira: “Horana umwami n’abagabo n’itekane,…” Ijambo umwami ryasubiriwe n’ijambo ubumwe, kugira urwo ruririmbo rujane n’ibihe Uburundi bwari bugezemwo.
Ni ryari rwasamirana ubwa mbere ?
Hari kuwa mbere mukakaro 1962, umusi Uburundi bukomorerwa intahe ...