Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ni iyihe nsiguro y’amazina Abarundi bita abana ?

Abasokuru bacu baha agaciro kadasanzwe izina. Ku bisanzwe, izina ni ryo ryemeza ko Umurundi kanaka yabayeho, ariho, yaje kw’isi. Turabire hamwe inyishu ku bibazo bimwebimwe vyerekeye akamaro k’izina mu mico y’Abarundi. 

“Izina” : izina ryisangijwe n’ikintu kimwe/umuntu umwe vs “Amazina” : ivyese vy’ishembamvugo

Igitabu Des noms et des hommes, canditswe na Philippe Ntahombaye, kiraduha umuco ku nsiguro y’ukuri y’amazina y’Ikirundi. Ku bw’uwo muhinga yanonosoye ivy’indimi, mu mico y’Ikirundi, bafata ko ijambo rihezagiye ; ari naco gituma bategerezwa kwita umuntu canke ikintu izina rifise insiguro n’ubushobozi. Mu mico y’Abarundi, umwana yahabwa izina ariko aregereza imyaka 2, nta mwana yitwa izina akivuka. Bararindira ko umwana abanza agakura, kugira bamuhe izina; “kuko ni ryo ribeshaho”.

Umwana amaze gushobora kuvuga, bamuhamagaye akitaba, se wiwe canke uwundi wese wo mu muryango avukamwo yaramwita izina rimutuma yakirwa mu kibano. Aho hambere hahise hoho nta n’amatazirano yabaho. Umurundi wese yari afise izina rimwe, ridakomoka kuri se canke ku muryango wiwe, ariko izina ryiwe bwite rigaragaza ibihe yavukiyemwo: (Nsanzurwimo, Maganya,…). 

Amazina y’uruharo abantu bitwa yari mu mice myinshi cane: amazina y’amabanga ku bantu bari bafise amabanga i bwami (ak.: Inamukomacoto, Mutimbo, Mutwenzi,…), amazina afatiye ku gihimba c’umubiri (ak.: Sunzu, Gashatsi,…), uko umuntu ateye (ak.: Kadada, Rugambarara,…), amazina y’ubuhizi (ak.: Kankindi, Nkezabahizi,…), amazina afatiye ku bihe igihugu kigezemwo (Inzara, ak.: Inamapfa, indwara z’ibiza: Mugiga, intambara n’intureka: Rwimo,…), amazina atuma urupfu rutinya uwuryitwa mu gihe ruba rwaramaze abavutse imbere yiwe, ayo bita “amazina y’ikuzo”, atuma umuntu akura akongera akagera mu bigero ( ak.: Kabunda, Ntamobwa,…), amazina yo kwiremurura, atanga ubutumwa mu kibano (ak.: Ngoragoze, Barampama, …), amazina y’abana (ayafatiye ku gitsina: ak.: Gahungu, Gakobwa,…, ayafatiye ku myaka: ak.: Kagabo, Kana,…).

Uguhinduka n’ibizira bifatiye kw’izina

Hari ibintu vyashobora gutuma umuntu ahindura izina. Nk’akarorero, iyo habaye amatati akomeye hagati y’umuntu n’umutware canke umubanyi, Umurundi yarashobora guhindura izina kugira akinge ihorihori. Umuntu kandi yarashobora guhindura izina mu gihe abona rimeze nk’agatazirano, ritakimubereye. Aha twovuga nk’umwana w’umukobwa afise izina rifatiye ku gitsina yashobora kurihindura imbere y’uko agira ubugeni, maze akitwa izina rihuye n’ubuzima bushasha bw’umukenyezi. 

Nk’uko umuhinga Philippe Ntahombaye abisigura: “Urupfu rw’umubanyi rutuma izina ryiwe rizimangana. Kudeha (Gucuza canke Gusimbura), kuvuga izina ry’umuntu yapfuye cari ikizira. […] Ivyo vyatumwa n’ubwoba bw’urupfu n’icubahiro bategerezwa guha nyene iryo zina yashengeye”. 

Ni co gituma abantu bakomoka ku gisekuru kimwe batemera kwitwa izina ry’abo bakomokako, gutyo kikaba carazira ko umuntu yitwa izina rya se, sekuru canke sekuruza.

Mu migenzo y’Ikirundi, iyo umwansi aguhamagaye mw’ijoro ukitaba, bivugwa ko yaca agutwara izina ryawe. Ni co gituma cazira kikaziririzwa ko umuntu abwira izina ryiwe umwansi canke uwo atazi.

Mu ntumbero yo kworohereza intwaro mu bikorwa vyayo ( rusansuma, kuriha amakori,…) abatware b’abakoroni, bafashijwe n’Abamisiyonari baciye batanguza umuco wo kwita umwana izina rya se. Intara za Ruyigi na Muyinga, ahashikiye Abamisiyonari ba mbere,  ni zo zatanguye kwakira uwo muco, bituma nk’izina rimwe uko urunganwe rwaza rukurikira, ricika izina ry’umuryango.

Ubukirisu bumaze kuza…

Abarundi batanguye kubatizwa, bategerezwa no kwiyandikisha kugira bashobore kuja kw’ishure, ni ho hatanguye kuza izina ry’Ubukirisu; ryaza ryiyongera kw’izina ry’umuvyeyi (se w’umwana). Benshi bisanga bafise amazina atatu ( izina ry’ubukirisu yahawe na paruwase, izina rya se ryanditse mw’ishure n’izina ry’umuryango yiswe akiri muto) ; ivyo vyaratuma bigorana mu gihe aronderwa n’ubutungane canke akenewe n’intwaro. 

Hari n’ibintu bitwengeje (kenshi na kenshi bitajanye) vyaba biri kuri ukwo kwitwa izina rya se canke ry’umugabo wiwe. Wasanga umukobwa wa Gasuguru (agapfizi k’ihene) aca yitwa Gasuguru (agapfizi k’ihene) canke umukenyezi wa Gahungu (agahungu gatoya) yitwa Gahungu (agahungu gatoya),…

Mw’itegeko nomero 1/1 ryo ku wa 15 Nzero 1980 rigenga imiryango n’abayibamwo, Repubulika ya kabiri yarakuye za ngorane z’amazina mu ntwaro no mu butungane, ivuga ko izina ry’umuntu ari iryo bandikishije muri komine kandi umuntu yitwa izina ashatse. Ariko, mu kurihindura, bitegerezwa guca mu bushikiranganji bw’ubutungane bisabwe na nyene gusaba guhindurwa izina canke uwumujejwe.  

Kuva ku ntwaro ya cami kugeza uno musi, Umurundi yaratahura ko “Izina ari ryo muntu”; n’aho bamwebamwe bihaye inzira yo gufata iyindi mico y’abazungu nko kwitwa izina rya se w’umuntu canke kwitwa izina ry’umugabo wawe bakibagira ko izina ari ryo rikuza umuntu, rikamubeshaho.

 

Quitter la version mobile