Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#YagaDécodeur : inkomoko y’izina “Uburundi”

Abarundi benshi ntibazi insiguro y’izina ry’igihugu cabo. Ariko, hari imigambi yo gutohoza inkomoko n’insiguro vy’iryo zina “Uburundi” yakozwe mu myaka iheze. Tuzirikane ivyamwa vyayo. 

Ku bwa Gertrude Kazoviyo, umwigisha mu gisata c’Indimi n’Amayagwa vya Afirika muri Kaminuza y’Uburundi, ijambo “Uburundi” ryoba risigura umugwi w’ubuhugu butobuto bwegeranirijwe hamwe.   

Izina “Uburundi” ryoba rikomoka mu rivuga ry’ikirundi, “kurunda”, risigura kwegeraniriza hamwe. Bikumvikana ko ivuka ry’igihugu c’Uburundi ryashobotse inyuma yo kwegeraniriza hamwe ubwo buhugu butobuto. Uwo mwigisha akaba abwita “Uburundo bw’ingoma”.    

Nk’uko abandanya abivuga, ku ngoma ya Ntare Rushatsi Cambarantama, uwo tuzi nka Rufuku rwa Ntare rwafukuye Uburundi, uwatunganije igihugu mu kinjana ca 17, igihugu c’Uburundi cari kigizwe n’intara za Muramvya, Gitega, Ngozi n’igice ca  Rutana. Akavuga ati: “ Izo zatwarwa n’abatware, harimwo Nyaburunga yamenyekanye cane”.

Ivyandiko bivuga kuri kahise k’Uburundi, kw’ivuka ry’ico gihugu, ntibija kure y’ivyo uwo mwigisha avuga. Vyinshi bihuriza ko: “ Uburundi bwa Ntare Rushatsi bwari bugizwe n’akarere ko hagati na hagati mu gihugu, ni ukuvuga intara kama  za Mugamba, Kirimiro, Bututsi na Nkoma”.

Uwo mwami, nk’uko bivugwa n’uwo mwigisha, yaranesheje abo batware b’utwo duhugu twigenga, maze aratwigarurira twose. Mu nyuma, ni ho yaca atwegeranya atugira igihugu kimwe. Igihugu citwa Uburundi kiba kiravutse. 

Imiryango yegeranirijwe hamwe…

Mu gihe umwigisha Kazoviyo avuga ko atemeza ijana kw’ijana ko iyo nkomoko ari yo, umwigisha Denis Bukuru wewe arayishimangira. Avuga ko : “ Izina Uburundi ryoba rikomoka kw’ijambo risigura “kwegeraniriza hamwe”, ridasigura gusa “kwegeraniriza hamwe ubuhugu butobuto” ( uburundi bw’ibihugu), ariko risigura kandi “kwegeraniriza hamwe imiryango”, “uburundi bw’imiryango”. Vyumvikana ko “Uburundi” atari igihugu (ku bw’imenyesha ntara) gusa, ahubwo risigura n’abanyagihugu baba muri ico gihugu.

Uwundi mwigisha akorana n’abo duhejeje kuvuga aho hejuru, we ntabibona uko. Muri make, avuga ko ijambo “Uburundi” rifise insiguro “yihishije” ku buryo vyogorana gutora insiguro yaryo ya mbere. 

Agasaba ko ivyo abatohoji bose bamaze gutora vyoshirwa ahantu, bikabanza bikigwako neza. Akabisigura avuga ati: “ Amazina y’ibihugu kenshi usanga afatiye ku nsiguro yibonekeza cane, ugasanga ni insiguro yihishije; nk’uko biri kw’izina Uburundi”. Ku bw’uwo muhinga, izina “Uburundi” ryacitse ikimenyetso, imparati ikoreshwa mu kuvuga ahantu, igihugu. 

Kukaba nkako, Uburundi ni igihugu, aho kahise gahererekanywa biciye mu mvugo (ikiyago); ari naco gituma bigoye kumenya insiguro y’ukuri y’iryo zina. Ivyo bikaba bitumwa n’uko mu Burundi ata “bibutsa” babayeho, nk’abari bashinzwe kuguma bibutsa akahise no kubihererekanya ku runganwe ku rundi mu bihugu vya Afirika y’uburengero.  

Ni co gituma abahinga mu vy’indimi n’abahinga mu vyigwa vy’akahise bari bakwiye gukorera ubutohoji hamwe. Intererano ya bamwe bose muri ivyo bisata yotuma turonka insiguro y’izina Uburundi yemejwe na bose, yokwigishwa hose mu gihugu.

 

Quitter la version mobile