Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi Vs Gabon: « Ese coba icigwa no ku banyepolitike! »

Urukino rwahuje Uburundi na Gabon rwaratwibukije ko Abarundi turi bamwe. Abari hanze y’igihugu, mu gihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura, bose imvugo yari: “Burundi bwacu”. Nibitubere icigwa !

Twese twaravyiboneye. Kare cane, nk’isaha cumi na z’ibiri z’igitondo, aho bita ku ngoro y’imico n’akaranga (“Palais des Arts et de la Culture”), umurongo muremure cane w’abaje kugura amatike yo kwinjira mu kibuga kurorera urukino. Mbere, mu bibanza vyose vyadandarizwamwo ayo matike, kwari uko. Hamwe hamwe, ngo hoba hariho n’abaharaye, kugira ivyo bibanza vyugurure ari ho bari, ntibabure agatike kabo.

Ku muhingamo, hageze ko urukino rutangura, Abarundi bose barahaguruka. Bamwe bashira ikiganza ku mutima, abandi bamanika hejuru ibendera ryacu, bose bati: “Burundi buhire…nkoramutima…Imana yakuduhaye ikudutungire”.

Ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore carakubise kirazima, gisayangana amabara yera, ayatukura n’ay’urwatsi rubisi. Hari n’abari bicafyeko amabara y’ibendera ry’igihugu cacu. Umuhagarikizi yapfuye kuvuza ifirimbi yo gutanguza urukino, #IntambaZacu zihererekana agapira, abarorerezi natwe turasasira n’indirimbo zo kubaha inkomezi. Amashi, amafirimbi, ingoma, twese tuti: “Burundi, tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima”; ivyari amajambo bihinduka ingiro. Mbe ni nde yavuze ko Abarundi tutoba umwe?

Intsinzi yacu

Ng’iyo ifirimbi yanyuma y’urukino iravuze; abato, abakuze, abakenyezi, abagabo, abanyeshure, abapolisi, mbere n’abasirikare, bihereza amabarabara. Kuri bose, ururirimbo rwari rumwe: “Burundi Oyeeeee!”

Nta dini, nta bwoko, nta mugambwe, eka mbere nta n’intara nabonye uwo musi. Ntiwombaza ba banyepolitike bacu, bamwe batigera bibagira na gato kutwibutsa ubutandukane bwacu, iyo bari baroye. Kumbure wosanga na bo nyene bariko batambira hamwe n’abandi, mw’ibarabara.

Iyo Rwagasore aba hafi, sinkekeranya ko yari gusubiramwo ka kajambo kiwe ngo: “hatsinze Uburundi”; Ndadaye nawe akamwuhira ati: “ivyo ni ibiranga Uburundi bushasha…Uburundi dushaka.”

Icigwa gikomeye

Urya musi, mwatambira hamwe n’umuntu, mwaruhuka ukumva akubajije ngo “mbega Uburundi bwatwaye igikombe c’isi?” Vyari biryoshe pe! Uwundi mugenzi ni we yavuze ngo: “uwutagaragaje umunezero uyu musi, ni uko atawigeranye.”   N’abatahora bakunda inkino, baraje kwifatanya natwe.

Hari umutegetsi umwe wa hano i Bujumbura, yabonye ingene ivyo bintu biteye igomwe, arinamura ati:  “ni ibintu tutari duherutse kubona muri iki gihugu, abantu bafise umunezero udasanzwe, abantu baryohewe n’intsinzi. Nibaza rero ko twoshigikira inkino, tukagira ubumwe, tugateza imbere igihugu cacu.” Nanje nti: ubivuga ubizi he !

Umunezero Abarundi bari bafise urya musi wari ukwiye guha icigwa abanyepolitike baraho. Bakumva ko bakorera igihugu kimwe. Uravye ugushamirana n’amajambo aremereye twumva ku nsamirizi canke dusoma ku mbuga ngurukanabumenyi, kuva n’imbere y’umwaka w’2015; wogira ngo ntivyokunda ko Abarundi tuvuga  rumwe. Intamba mu rugamba zaraye zerekanye ubudasa.

Abanyepolitike bacu barakwiye gusenyera ku mugozi umwe, bisunze burya bumwe Abarundi berekanye urya musi. Mbega yemwe vyogenda gute ngo bamenye ko na bo ari bo “Ntamba mu rugamba” Uburundi bufise, mu gisata ca politike?   

Iyo mba umwongereza, nogize nti “one people one victory”; ariko, ko ndi Umurundi, reka ngire nti: Ese twoba umwe, no mu 2020 !

 

Quitter la version mobile