Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Boost » : inganda ziracatikiye !

Mu mwaka w’2018, ishirahamwe Yaga ryarifatanije n’ayandi mashirahamwe mw’isekeza ry’ukurwanya ikiyayuramutwe kizwi kw’izina rya « Boost ». Bamaze kumenya ibitari bike kuri ako karanda, abategetsi bamwebamwe baragize ivyo batangaza ko bagiye gukora, ngo ako kabi karandurwe. Yamara, nk’uko vyari kirya gihe, n’ubu ni ko bikimeze ; inganda ziratikiye.

Maze imisi itari mike ndiko ndakurikiranira hafi urwaruka ndiko ndaba uko nobafasha bave muri iyo nzira mbi y’ukunywa ikiyayuramutwe « Boost ». Muri ico gikorwa, nahaboneye ibitari bike ; nararonse akaryo ko gutemberezwa n’abo bagenzi mu bibanza bitandukanye banyweramwo ubwo burozi. Birateye agahinda. 

Mu Ngagara, mu Kamenge, Carama, Buyenzi n’ahandi, hari ibibanza birangwamwo urwaruka rugizwe n’imisore n’inkumi, basinzikajwe n’ako kaje karamana. Igitondo, umurango n’ijoro, imisi yose, baba bari aho. Uwugize ngo arahavuye na gato, aba agiye kuyebayeba, ngo arabe uwo ategera amashi canke uwo yosahura, maze aronke amafaranga yo kugura umusogoto agenderako uwo musi canke igitumbura yokwiririrwa. 

Barasinzikaye

Bateye ikigongwe. Ni incuro nyinshi maze kuja muri ivyo bibanza, njanyweyo no kurondera abo bagenzi, kuko nyene nta handi barangwa atari ngaho ; nkama mvayo umutima usivye, nihweje ubuzima urwo rwaruka rw’Uburundi rubayemwo. 

Ugasanga mu kigangara, aho bene vyo bita « irigara », c’imetero nka ndwi kuri zitanu, hafi y’imyonga canke ahantu hinyegeje cane muri karitiye, ahaboneka nk’aho umengo hatabwa umwavu, ni ho iyo misore n’inkumi bakoraniye. Mu tugwi dutoduto, nka tune canke dutanu tugizwe na batanu batanu canke barenga gato, usanga bicaye, bifukanye igishambara c’igishuka gishaje, gicafuye cane. 

Hagati muri ako kagwi, mu gishuka kimwe, usanga hari umwe ariko araturira ubwo bumara bwa “Boost”, maze abandi bagahumeka umwotsi uvuyemwo, hama bakaza kuva muri ca gishuka bose bataye ubwenge, ubona nyene ko bacitse ibiyingiyingi. Bagaheza bakarambarara muri ico kibanza, nk’aho womengo barasinziriye ; ariko, baba bahenzwe n’ubwo bumara, si itiro. 

Bazotabarwa na nde ?

Ica mbere coco, ico kiyovyabwenge ni akaranda kibereye aho ; ngerageje kwihweza ingene abakinywa barushiriza kugwirirana muri ivyo bibanza. Kumbure, nkeka ari uko ibinyamakuru n’amaradiyo bitariko birasemerera bihanahana, kugira isi yose imenye ko mu Burundi hari akaranda kitwa “Boost”, kariko karatikiza inganda mu rwaruka. Yamara, Uburundi buriko burahahombera.

Ugutabarwa kwabo kuzova he ? Ko mperuka muri rya sekeza navuze aho hejuru, inzego zitandukanye zari zemeye kugira ico zikoze, nk’ugushiraho ikigo gifasha mwe n’abo bantu, ukuzana mu Burundi imiti ibavura n’ibindi, vyahereye he ? Rimwe na rimwe, igipolisi kirafata abo bene kubinywa, kikabapfunga nk’imisi yababa ukwezi, bamara kurekurwa bagasubira hahandi. Bisigura ko uwo atari wo muti. None ga yemwe habuze iki ngo urwo rwaruka rw’igihugu rutabarwe ?

Ntivyari ibigoye cane

Benshi muri bene kubinywa, ugerageje kubumviriza, usanga hari ingorane bigeze kugira mu buzima, bakabura uwubatahura, maze bagahungira mu biyovyabwenge barondera akaruhuko ku mutima. Ubona ko bino navyo bidateba kugira umuja uwuvyihereje, ntibateba kwisanga vyabonkoye  ku miryango, bikabacanishamwo n’incuti n’abagenzi, bikabazirikira muri ivyo bibanza, aho bavyihereza ubudahumeka.

Ku bwanje, Reta yoshiraho ikigo cigisha imyuga mitomito nk’ugusudira, ukubaza, ukubarira, ukumwa imishatsi n’ibindi, maze ikacegeranirizamwo urwo rwaruka, ikabaha abigisha b’iyo myuga n’abaganga babavura inyota n’ingaruka vy’ubwo bumara, bano nabo ivyo bakoze bikagurishwa, bohakirira. Kira noneho, bitunganijwe neza wosanga ata buryo bwinshi bitwaye. Kuko bene kubukoresha boba ari bo bene kubwinjiza. Eka n’imiryango ya bene gufashwa ntiyobura ico iterera nk’ukuvuza abayo. Ariko ivyo ntibikunda, mu gihe atari inzego za Reta zifashe iya mbere, amashirahamwe agakurikira. 

 

Quitter la version mobile