Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kwizizirwa n’ivyuma vy’ubuhinga bwa none: indwara mu zindi

Iterefone ngendanwa, imashini nyabwonko, imboneshakure, n’ibindi biri mu vyo dukoresha mu buzima bwa misi yose; kandi bidufitiye akamaro. Ariko tutiyubaye, biba mu bintu bifise ingaruka mbi ku magara yacu. Muti gute?

Jimmy* ni umuyabaga yiga muri kaminuza. Arakoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none. Ari mu bantu bakoresha cane iterefone ngendanwa igezweho, ariko akaba no mu bantu bazinegura cane. 

Agira ati : “Iyo ndiko ndasubiramwo ivyigwa, kenshi ngendanwa yanje iransamaza. Nari nateguye kwiga amasaha abiri ngasanga nize umwanya utangana n’isaha”.

Arabandanya ati : “Mwijoro, hageze umwanya wo kuryama, ibinsamaza ntibibura. Atari imbuga koraniro zinsamaje, hari igihe nsanga natwawe n’amareresi kuri nyabwonko yanje, ngahakwa kumara ijoro ryose ndi maso”.

Si Jimmy wenyene yidoga, kandi ntarira busema. Ivyo vyuma bidufitiye akamaro, ariko ntibibuze ingaruka mbi. Abenshi muri twebwe twaramaze kuba abaja bavyo, ariko ntavyo tuzi.

Uko vyizizira uwubikoresha

Nk’uko tubisanga mu gitaboAddictions et reliances”, Sandrine Willems avuga ko “kuba umuja w’ikintu kanaka ari ukugira akamenyero ko kugikora birenze urugero ku buryo udashobora canke utipfuza kugiheba n’aho coba kikugirira ingaruka mbi”.

Ubwonko bw’umuntu burafise agace karaba ivyerekeye umunezero. Ako gace gakoresha inkabuzo yitwa “dopamine” mu gifaransa. Mu kwizizirwa n’ibiyayuramutwe, canke n’ikindi kintu, iyi nkabuzo irafise uruhara runini. 

Dufate akarorero ku dukino dukinirwa ku vyuma bimwebimwe bita “jeux-vidéo” mu gifaransa. Iyo uriko urakina, urumva umunezero. Uratwara indege, ukanesha ibikoko, ugasimba amazu,… ya nkabuzo iragwira mu mubiri. Umunezero ukaba wose. Ico nico gituma umuntu aca aguma ashaka gukina umwanya wose, kugira agumane ka kanyamuneza. Aho uba uri mu nzira yo kwizizirwa na vyo.

N’imbuga koraniro nka “Facebook”, “Whatsapp”, “ Instagram” n’izindi niko kw’uko. Ugize ngo wugurure urabe ibintu ngirakamaro, uca ubona utundi dusanamu, utureresi dutwenza, ugaca ufatirwaho ukabandanya uryoherwa, rikarinda rirenga ataco uhereje amaboko.

Ingaruka 

Mu gitabo « TV Lobotomie », umuhinga mu vyigwa vy’ubwonko Michel Desmurgets arerekana ko imboneshakure ishobora guhungabanya ugutegera kw’uwuriko ariga. Uwo muhinga arerekana ko abana bato cane ari abo kwigizwa kure y’imboneshakure, kuko zifise ico zigabanya ku gukura kw’ubwonko.

Kwizizirwa n’ivyo vyuma, bisigura kubigumako umwanya munini. Ivyo vyuma bikaba birekura umuco witwa “lumière bleue” mu gifaransa (twokwita akanyabururu ndlr) ubangamira cane amaso yacu. Uwo muco akaba ari nawo ntanduruko y’ingorane z’itiro, aho umuntu usanga yirirwa aragwejagweja nk’uwurwaye kubera itiro ritamuherako. Aho ntituvuze ivy’amasanganya ava kugusamarira kuri za ngendanwa, n’ibindi. 

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi yose (OMS) ryaremeje, mu mwaka uheze, ko ukwizizirwa n’ivyo bikoresho ari indwara mu zindi, kandi ko bigoye kuyivura. Mu gihe tubikoresha, tugerageze kwiyubara ntibitwizizire ngo dusange twarwaye akabonge kubera vyo. 

 

Quitter la version mobile