Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Mwari mubizi ? Mu Rumonge, ifi zizimvye nk’ahandi hose!

Haraciye imisi irya n’ino twumva ko umwimbu w’indagara n’imikeke ari rya nawe mu ntara ya Rumonge.  Abafise abagenzi muri iyo ntara bakaba ata yindi ndamutso bavuga atari : « Nta kaboga ngaho ? » ; ntibamenye ko zizimvye co kimwe n’ahandi hose, ku mvo zikurikira.

Mu myaka yahera, nko mu 1990 kuduga gushika mu 2000, amafi yaraboneka kandi ku bwinshi mu Rumonge. Davi Mukanya, umunyamabanga w’urunani rw’abarovyi n’abadandaza amafi mu Burundi, agasigura ko ico gihe amafi ataduga cane mu zindi ntara. Ati : « N’izivuye mu Rumonge canke Nyanzalac, zamanuka mu gisagara ca Bujumbura. Ndetse na Bururi, intara yavyaye Rumonge, ntibari bwijukire gufungura akaboga. Bigatuma rero izaboneka zica ziguma zizimbutse cane. »

Ubu ho si utwo !

Bituruka kuri vyinshi

Uyu musi, intara nka zose ziza gutora indagara muri ico gisagara ; bigatuma zica zikena. Noneho, uko Abanyarumonge bazironka ari nyinshi, ni ko bazishora mu zindi ntara, kuko ni ho bakura amahera y’ibindi vya nkenerwa ; ugaca usanga rero bene kuroba bimburira gushora gusumba gufungura.

Ku rundi ruhande, uburyo n’ubuhinga bwo kuzibika mu gihe zibaye nyinshi ni buke cane kandi ni n’ubwo kuva kera. Indagara bazanikira ku zuba, ifi bakazibabura ku muriro kugira zibikike ; ntibihagije, na cane cane igihe umwimbu wiyongereye.

Biciye mu migenderanire n’igihugu c’Ubufaransa, akarere ka Pays de la Loire karafashishije Uburundi ivyuma vyo gukora ya mabuye akanyisha (azwi kw’izina ry’ibarafu) ; bigatanga amabuye yokanyisha nk’itoni 12 z’amafi. Ariko rero, ayo matoni 12 aba ari ayo gushora hanze y’intara ya Rumonge, haba mu Burundi canke hanze y’igihugu

Ubuhinga bwo kuroba burashaje

Pascal Ndikumana ni umwe mu barovyi bo mu Rumonge, yarovye kuva kera. Agira ati : « Mu Kiyaga, amafi aruzuye kandi y’ ubwoko bwinshi. Ariko, birashika hakabura amafi canke indagara, abakora uwo mwuga bakavugako ko ari nk’igihamana kugira bagire ico barovye. »

Uwo murovyi agatanga insiguro ati : « Mu gihe gihitiye, abarovyi b’abazungu bava mu gihugu c’Uburusiya barakoreye muri ico kiyaga, imbere y’uko birukanwa. Bakoresha amato ateye imbere bita Yorogo. Ico gihe, amakamyo yabo arenga mirongo ine yarapakira ifi mu gitondo, kandi ivyo bikaba imisi yose. Ntibari bwavuge ngo babuze nk’uko tuvyumva ubu. »

David Mukanya, wa munyamabanga w’ishirahamwe ry’abarovyi n’abadandaza ifi, ati : «  Ubuhinga bwo kuroba bukwiriye guhindurwa, kuko ubukoreshwa uyu musi budakwiye kugira bukwize umwimbu ujanye n’ifi zikenewe kw’isoko y’abazifungura. »

Ku bwiwe, haranakwiye kubaho icumba kinini, cubatse ku buhinga bwa kijambere, kigashobora gukanyisha umwimbu ukwiye w’ifi n’indagara, atari izo gushorera hanze ya Rumonge gusa. Ati : « ico cotuma ifi ziguma zibitswe nka kurya zarobwe, hagaca umwanya munini. »

 

Quitter la version mobile