Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ivangura: inkuru mutari muzi ku gisagara ca Bujumbura

Intwaro y’abakoloni yari yatunganije igisagara ca Bujumbura hisunzwe ivangura rifatiye ku rukoba, ku buryo abakibamwo baba mu mice itandatu itandukanye, bivanye n’urukoba rwabo; kandi n’itegeko ribishinga ryariho. Abahinga barabituyagira. 

Nk’uko bivugwa n’ umuhinga mu vya kahise akaba n’umwigisha muri kaminuza aheruka gukukuruka, i Bujumbura (ico gihe yitwa Usumbura), ivangura mu bibanza vyo kubamwo ryari rirekuwe n’amategeko. Aho, afatira kw’itegeko ryo kuwa 29 Ntwarante 1926 “ryaje rishimangira iryo kuwa 12 Ruhuhuma 1913 n’iryo mu 1915 ry’uwari arongoye Katanga, itegeko ryagenga amakaritiye y’abasangwagihugu”. 

“ Mu bisagara bitandukanye, hashizweho amakaritiye yagenewe abantu b’urukoba rutari urw’Abanyaburaya bategerezwa kuhaba bafise uruhusha rwanditse bahabwa n’abarongozi b’intara. Ariko abantu bakorera Abanyaburaya, batarenga babiri ku muntu, barashobora kuhaba n’abakenyezi babo n’abana. Kimwe gusa, bategerezwa kuba mu nzu z’uwubakoresha. Uwuhabaye bidaciye mu mategeko yahanishwa umunyororo w’imisi 7 canke akariha amande y’amafaranga 200”.

Vyongeye, cari ikizira ko Abanyaburaya batembera canke ngo babe mu makaritiye y’abirabure.

Ababiligi n’Abagiriki

Kuva mu myaka y’1930, amakaritiye y’igisagara ca Usumbura yabamwo abantu atakuvangavangana, urukoba rumwe rwose ukwarwo.

Na Piyo Masumbuko, umutama w’imyaka 88, Muganga wa mbere wa Kongo-Belge na Rwanda-Urundi ntaja kure y’ivyo. Ababiligi, Abawalo n’Abaflama bari ku butegetsi ico gihe, bari bafise amakaritiye bisangije bonyene, amakaritiye mezameza yo kubamwo: “barankana kubera badasangiye ubwoko, ariko intwaro ikabategeka kubana”.

Abagiriki, bari bafise amamangazini, amahoteri, uburiro n’ibindi, baba hagati mu gisagara. Kugeza n’uno musi, hari amazina akivugwa mu gisagara nka Paguidas Haidemenos, Dimitracus, n’ayandi. Abagiriki bari barubakishije n’isengero y’Abakatorika bitwa aba “Orthodoxes”, n’ubu ikihari kw’ibarabara ryitiriwe Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo, imbere y’akabare ka kijambere Arena.

Abarabu bagwiriyemwo Abahindi

Hariho ikaritiye y’Abarabu yari yisangijwe na canecane n’Abahindi: “Bakomoka mu bwami bw’Ubuhindi butaragaburwamwo kubiri, Ubuhindi na Pakistani mu 1947”, bivugwa na Masumbuko. 

Hambavu y’iyo, hariho n’ibigwati “vy’abaterambere” vyari bitunganijwe ukwavyo, vyiharijwe n’abirabure ariko batari Abarundi kuko bo bagiye kuza mu bisagara batevye.

Abaswahili 

Umwigisha Mworoha avuga ko Abaswahili bari mu makaritiye ya Buyenzi na Bwiza ico gihe yitwa “Kw’ibereshi”, ( Camp Belge mu gifaransa).

“Ikigwati c’Abaswahili” cashizweho mw’itegeko ry’uwurongoye Rwanda-Urundi ryo mu 1941, hagati na hagati muri karitiye ya Buyenzi. Haba abantu bakomoka muri Tanzaniya, icitwa “ Tanganyika territory”, bari babeshejweho n’urudandazwa rusanzwe. Twokwibutsa ko igihugu ca Tanzaniya cavutse hateranye “Tanganyika territory” n’izinga rya Zanzibare mu 1964.

Ariko, abo bantu baba mu Buyenzi baribabeshejweho n’ubundi buzi nk’uko Emile Mworoha abisigura: “Abaswahili bari bafise imirima mu Rumonge, ku Muzinda, eka no mu kiyaya ca Rusizi”. 

Ibereshi, ikaritiye y’Abanyekongo

Ku vyerekeye “kw’Ibereshi”, yari ikaritiye yiganziwe n’Abanyekongo bo mu bwoko butandukanye nk’Abaluba, Ababembe, n’abandi. “ Bari abakozi basanzwe bo mu mabanki, amahinguriro matomato canke bagakora mu gikoni, ababoyi b’abakozi b’Abanyaburaya, n’ibindi”; ni ko uwo muhinga abivuga.

Ica mbere caranga iyo karitiye, ni ukwidagadura, umuziki n’intambo. Benshi basubiye mu gihugu iwabo inyuma y’uko cikukiye kuwa 30 Ruheshi 1960. 

Abarundi bo baje bate ?

Abarundi n’Abanyarwanda baba muri Usumbura ( umugwa mukuru wa Rwanda-Urundi) baba mu makaritiye yo ku mpera z’igisagara nka Kamenge, yabayeho mu 1952. Ariko imbere y’aho, abo ntibari mu bantu baharurwa mu baba i Bujumbura.

Ariko nk’uko Piyo Masumbuko abivuga, nta tegeko ryababuza kuba mu gisagara, ahubwo kari akaranga k’Abarundi batiyumvamwo kuja kuba mu bigwati. “N’abakora mu gisagara nko ku kivuko ca Bujumbura, bakora bataha iwabo, n’ababa mw’Ijenda”.

Mu 1952, kubera bari bakenewe, abakozi ba Reta b’Abarundi n’Abanyarwanda barubakiwe ikaritiye yabo bita “OCAF”, Ngagara y’uno musi.

 

Quitter la version mobile