LE JOURNAL.AFRICA
#YagaDécodeur

Ivangura: inkuru mutari muzi ku gisagara ca Bujumbura

Intwaro y’abakoloni yari yatunganije igisagara ca Bujumbura hisunzwe ivangura rifatiye ku rukoba, ku buryo abakibamwo baba mu mice itandatu itandukanye, bivanye n’urukoba rwabo; kandi n’itegeko ribishinga ryariho. Abahinga barabituyagira. 

Nk’uko bivugwa n’ umuhinga mu vya kahise akaba n’umwigisha muri kaminuza aheruka gukukuruka, i Bujumbura (ico gihe yitwa Usumbura), ivangura mu bibanza vyo kubamwo ryari rirekuwe n’amategeko. Aho, afatira kw’itegeko ryo kuwa 29 Ntwarante 1926 “ryaje rishimangira iryo kuwa 12 Ruhuhuma 1913 n’iryo mu 1915 ry’uwari arongoye Katanga, itegeko ryagenga amakaritiye y’abasangwagihugu”. 

“ Mu bisagara bitandukanye, hashizweho amakaritiye yagenewe abantu b’urukoba rutari urw’Abanyaburaya bategerezwa kuhaba bafise uruhusha rwanditse bahabwa n’abarongozi b’intara. Ariko abantu bakorera Abanyaburaya, batarenga babiri ku muntu, barashobora kuhaba n’abakenyezi babo n’abana. Kimwe gusa, bategerezwa kuba mu nzu z’uwubakoresha. Uwuhabaye bidaciye mu mategeko yahanishwa umunyororo w’imisi 7 canke akariha amande y’amafaranga 200”.

Vyongeye, cari ikizira ko Abanyaburaya batembera canke ngo babe mu makaritiye y’abirabure.

Ababiligi n’Abagiriki

Kuva mu myaka y’1930, amakaritiye y’igisagara ca Usumbura yabamwo abantu atakuvangavangana, urukoba rumwe rwose ukwarwo.

Na Piyo Masumbuko, umutama w’imyaka 88, Muganga wa mbere wa Kongo-Belge na Rwanda-Urundi ntaja kure y’ivyo. Ababiligi, Abawalo n’Abaflama bari ku butegetsi ico gihe, bari bafise amakaritiye bisangije bonyene, amakaritiye mezameza yo kubamwo: “barankana kubera ba...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Les étudiants burundais face à l’épreuve des discours de haine

YAGA BURUNDI

Quel est le sens des noms que nous, Burundais, portons?

YAGA BURUNDI

Yagadécodeur : ce qu’il faut savoir sur les armoiries du Burundi et le blason national

YAGA BURUNDI
Verified by MonsterInsights