Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Isegenya yaraye itikije inganda: “igiti kigume kidukora mu jisho?”

Kw’igenekerezo rya 22 Kigarama 2019, benshi mu banyagihugu baba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura bikanguriye kuganya. Imvura y’isegenya yaraye iragwa yahitanye abantu n’ibintu, imiryango irahekuka. Harakwiye kugira igikozwe Uburundi ntibwame mu marira. 

Wari umusi w’Imana nk’iyindi yose. Igitondo nk’ibindi, ariko mu gisagara ca Bujumbura hoho cabaye igitondo gitatse amarira, amaganya n’agahinda. Imiryango yo mu ma karitiye ya Winterekwa na Nyabagere yavyukiye kugandara. 

Ukiduganye ibarabara rikuru nomero 1, udasanzwe urizi ntiwari kwemera ko iryo barabara risize ikaburimbo kuko uhonyoye waramirwa kubera urunyigimbe rw’igishanga. Nkihashika, nabonye ibimashini bigwiriyemwo ivy’igisirikare biriko birazibura. Hirya no hino, amazu yari yuzuye amazi, ibidandazwa vyatwawe.

Imiryango yuzuye amaganya

“Ehe yemwe ya miceri n’ibiharage nta wuzi irengero”; ivyo vyavuzwe n’umunyagihugu atangaye abonye ahantu hadandarizwa ibiharage vyinshi n’umuceri muri karitiye ya Taba hasigaye hera. Hepfo y’ibarabara, utwo tuzu twari twararengewe n’amazi, utunsi turasiduka. 

Uko imvura yatwara ibintu ihitanye mu mazu canke mu ngo, na vyo vyaca bigomera amazi agashwara irya n’ino, ari vyo vyatumye haba iyo nkumbi. Amabarabara, intsinga n’imiringoti vya Regideso n’ibindi vyarononekaye.

Uko bimba barondera abantu n’ibintu vyatwawe, baguma batora ibitandukanye. Hari amakinga yari hamwe, nayo nyene yari yononekaye. Mu nyuma niho twamenya ko hari abunguruza abantu 7 babana harokotsemwo umwe gusa. Birababaje. 

Ya mvura twazerako ubukiriro yaraye isubiye guhekura Uburundi. Abana n’abasaza ni bo ahanini bahitanywe nayo, nk’uko Ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza yabimenyesheje ari kumwe n’abandi bategetsi mu ntwaro no mu giporisi.

Kubera akuzi gato cane

Uravye iyo ayo mazi yazananye, ni akuzi kataye inzira, kirara mu mihana. Kubera imivo idaciye neza, inkurikizi zica ziba iryo shano twaraye tubonye. Na rirya ayo ma karitiye ari ku mubari w’igisagara aho amazi azanana umukuba mwinshi, irya mvura ntiyari kwijana. 

Ntitwokwibagira amabarabara yaho usanga atagutse, imiserege idasibuye neza tutibagiye n’abubaka barunda imisenyi n’amabuye mu mivo.  Ayo mazi rero yaciye ahitana inyubakwa kubera kubura inzira. 

No mu yandi makaritiye si impundu amarembe. Birababaje kubona imiserege ica ku mabarabara za Rohero, Nyakabiga, Bwiza n’ahandi hose izivye kandi ica ku mpangu z’abantu. Vyakoma gatoya ngo Reta nizibure. 

Twikebuke

Icari gikwiye ni uko nyabuna umwe wese yosibura ku rugo iwe, akahasukura, maze ayo mazi y’imvura akarengana. Abajejwe intwaro nabo nyene barakwiye kwongereze inguvu mu guhimiriza abenegihugu kubabara ubuzima bwabo no gukinga amazi atararenga inkombe. Abajejwe gutunganya igisagara nabo barakwiye kwiga neza ikibazo c’ibimanga cabaye akananirabahinga, bikenewe, abari mu makaritiye ageramiwe babimurire ahandi.

Iri rigize kabiri isegenya isiga amarira mu gisagara ca Bujumbura. Izi ngorane z’ibimanga hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura n’isegenya ihitana abantu n’ibintu birateye isoni. Ababishoboye bogira ico bakoze, batabaranye ntidusubire mu marira, igiti ntikidukore mu jisho kabiri.

 

Quitter la version mobile