Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kuki abapatiri bo mu Burundi batorekurirwa nabo kurongora ?

Kw’igenekerezo rya 27 gitugutu 2019,  Papa Francisco yaremeye kwiga ingingo irekurira abagabo bubatse, mu mareta agize akarere ka Amazonie muri Amerika, gushobora guhezagirwa mu mabanga y’ubupatiri muri Ekleziya katorika. Nimba koko bishoboka ko umugabo yubatse arangura iryo banga,  habuze iki ngo hafatwe ingingo irekurira abapatiri kurongora? Nk’akarorero, kubo mu Burundi, birakenewe.

Ukuvuga kuvy’ukurongora ku basaseredoti, ni nk’impamu. Abenshi barakorako bagasha. Ivyo ndabizi. Ariko none, noba ndi jenyene maze kubona abakobwa bibungenze, maze bano bakavuga bati : « Iyi nda ni iya patiri kanaka » ? 

Hano iwacu mu Burundi, abana bazwi nk’abavuka ku bapatiri, si umwe kandi si babiri. Kumbure, mwe n’abo basaseredoti baba barataye umurongo wa Ekleziya ; kuko ntaho nari bwumve Yemerera iryo banga ku mugabo afise umugore, gushika ubu. Ariko noneho, Ekleziya yaraye yerekanye ko vyoshoboka. Ngira n’ibindi vyoteba bigatungana.

Ni akabanga

Espérance* ni umwigeme w’imyaka 30. Aba muri karitiye ya Gituro, muri zone ya Kamenge. Aribungenze. Ino mbanyi yiwe ntiragaragara cane, ariko ibimenyetso vyambere biratanguye kumuseruka. Ubu, abana na mutoya wiwe Evelyne*, aho bapanze inzu y’icumba kimwe muri iyo karatiye, haraciye imyaka, kuva bamanutse i Bujumbura bazanywe n’ukwiga amashure ya kaminuza. 

Uwo mwana w’abakobwa, amaze igihe kitari gito azazaniwe ; kuva amenye ko yasamye, amaganya yaramwuzuye inda ; ati : « Mbega yemwe abavyeyi nzobabwira gute ko nashikiwe n’icago nk’iki ? Ikimbabaje kikantera n’ubwoba, iyi nda ni iya patiri. »  Yongerako ati : « Narabimubwiye ko nasamye, muga aca ambwira ngo nzohore, ngumye ibanga, ngo azomfasha muvyo ashoboye. Ariko ingorane aho iri, mama niyavyumva, nzobikika gute ? »  

Ese bobareka !

Naho vyari bisanzwe bibujijwe muri Ekleziya kw’isi yose, ko ata musaseredoti yoba afise umugore ; yamara bamwe muri abo bakozi b’Imana, urasanga bafise ibibondo aha na hariya. Ico bikoze, ubwo buvyeyi buragirwa ibanga, maze ingorane zikagaruka ku bana bavutse kuri mwe n’abo bavyeyi.

Ko ingingo irekurira bamwe mu bagabo bubatse guhezagirirwa ibanga ry’ubusaseredoti yatowe, ni kuki abandi bo batobareka ? Bikire kuba bifise imvo zumvikana gusa. None aho rero, ko ubuzima bw’abo bana bavuka ku bapatiri n’ubwa ba nyina babo buba butoroshe na gato, vyari bikwiye kwigwako, noneho iyo ngingo iheruka gufatwa muri Amerika, igakwira isi yose ; kubw’agateka k’abo bakenyezi n’abana babo. 

* : yahinduwe izina.

 

Quitter la version mobile