Mu kwezi guheruka, kuri uru rubuga rwa Yaga, haraciye igisomwa kibaza igituma abapadiri bo mu Burundi batorekurirwa kurongora. Ukugira abahabara n’ukuvyara abana mu mpisho, bikaba ari vyo vyashimikiweko nk’imvo. Vyatumye nja kubaza ico abapatiri n’abepiscopi b’i Burundi babivugako; bati: “ico gisabisho si rwacu”. Barabitwibwirira hano.
Kuva bikivugwa, Musenyeri Yohani Ntagwarara, umwepiscopi wa Diyoseze ya Bubanza yavyiyamirije avuga ati : « umusaseredoti arongoye, ntiyoba acisanzuye mu butumwa bwo kumenyesha inkuru nziza; kuko yosanga abibangikanije n’ivy’urugo, kandi Yezu yadusavye ko twoheba vyose tukamukurikira. »
Ku cerekeye abana bavutse ku bapatiri, uyo mwepiscopi ahanura abo basaseredoti ko « bokura umutamana bagakinjura mw’iryo banga, ku neza na kazoza keza k’abo bana. »
Ico ciyumviro kirashimangirwa na Musenyeri Stanislas Kaburungu, yahoze arongoye diyoseze ya Ngozi. Nawe nyene, ntahakana ko hariho abapatiri batazigama ibanga ryabo, mugabo, ntashigikiye ko bofatira kuri ico mu gusaba abapatiri ko borongora. Atanga ingereranyo ati : « Ni nk’uko bovuga ngo ko abagabo baca inyuma abakenyezi babo, ni habe ukwabira abagore benshi. Iyo si inyishu na gato. »
Uguhemuka
Kubwa patiri Museminari*, umusaserdoti amaze imyaka itatu mw’iryo banga wo muri diyoseze nkuru ya Gitega, igikuru ni ukumenya ibanga umuntu yemeye, agatako akarigendera. Avuga ati : « nabaye patiri ata gahato, nzi neza ko ivyo kurongora ata birimwo; ku buryo ubu atari ho noca kubiri n’ico natoranye, bitumwe n’uko uyu n’uriya bahemutse. »
Akongera ati : «ikindi bibagira, umuti w’abapatiri bahemuka kw’ibanga batoranye ntiwoba uwo kurongora, kuko n’abarongoye ntivyama vyera ngo de! Hari abaca inyuma abo bubakanye. » Wewe rero, agirako avyunyura ko n’umupatiri yaruguyemwo akavyara bitotuma arongora; ati « kuko hari igihe biba vyavuye kw’irari ry’umubiri, ata rukundo rurimwo, ku buryo yemeye umwana n’ibizomutunga, ata kwirirwa arita mu bigeragezo vyo kurongora uwo adakunda. »
Ni uguhitamwo kimwe
Cleophas Nduwimana yamaze imyaka umunani mw’ibanga ry’ubupatiri, mu nyuma ahitamwo gusubiza umutamana, aja kurongora. Uyo rero, ico ciyumviro ca patiri Museminari ntakinywa no mu mazi. Ati : « kubw’intege nke, vyarashitse ndavyara, ariko, siniyumvira ico kuva mu bupatiri. Umusi umwana wanje yaja kwiyandikisha kw’ishure, mu kibanza ca se bakandika ko ata wuhari, vyaranse ko nigumya, niyumvira ka gahinda n’amaganya uwo mwana ashobora gukuriramwo, vyo kwitwa ko atagira se amuvyara kandi ndahari, ni ko gufata ingingo yo gusezera nja kwitaho umuryango wanje. »
Uno musi Cleophas afise abana bane, kandi yemeza ko n’aho ubuzima butoroshe, ugereranije n’ubwo yari abayemwo akiri umupatiri, yumva atekanye kubera yavuye mw’ubwo buzima bwo kwiyorobeka. Umutima uratekanye, ntagitambikije kandi ntacihishahisha; yaratoye inzira imwe.
Abarundi barayamaze bati: « nta kumira igikoba utasezeranye n’umuhogo ». Abapatiri bomenya ico batoranye n’ico bemeye. Mu gihe naho bishitse bakagwa, bokwakira umwana baba bibarutse, ntibamwihakane canke ngo bamutererane nyina wiwe gusa, ahubwo bakamwemera, bakamwitaho ndetse bakamenya ko kumuha ibimutunga bidahagije gusa, nyabuna n’ukumuha urukundo rw’umuvyeyi ntibisigare inyuma.