Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi : akaranga n’ubuhazampano vyoteza imbere igihugu

Akaranga n’ubuhazampano* ni ibintu bituma ibihugu bitari bike bimenyekana kw’isi. No mu Burundi, ico gisata cari gikwiye gufatwa nk’umutima w’iterambere nk’uko Ezechiel Ndayizeye abisigura. 

Hari ku mugoroba, niciriye mu giteramo cari categuwe hagati mu gisagara ca Kigali. Naratangaye mbonye abaririmvyi bakurikiranye kuduca imbere bose ari Abarundi. Ntabesha, numvise mbabaye cane. Kuko abo bahazampano bose basize igihugu cabo cabibarutse baja gutera iteka ikindi gihugu, bagiteza imbere. Kubera iki bahisemwo kuva mu gihugu c’amavukiro ? « Ikiringo ca gatatu ? » Haba namba ! Bamwebamwe bo bagiye n’imbere y’uko ico gihuhuta kiza. Bose bahuriza ko mu Burundi, umwuga bakora udafise ikibanza kiwubereye. Ntibashobora kubeshwaho n’ubuhazampano bwabo, bigatuma baja kurondera ahosumba ahandi. 

Vyose ni inyungu

Biciye mu buhazampano n’akaranga, Uburundi burasobora gutera imbere! Ikibabaje, benshi ntibarabitahura. Igihugu kititaho ubuhinga bw’abahazampano* baco ntigishobora gutera imbere.  Hano mu gihugu cacu, turacibwira ko umuntu yafashe inzira yo kwihebera akaranga n’ubuhazampano adashobora kugira ubuzima bwiza ; aba yaranyuranywe n’iterambere. Mu bindi bihugu, umuhazampano baramubungabunga nk’uw’agaciro nyene. Kukaba nkakwo, ni we ashira ishusho nziza y’igihugu ciwe mu makungu. Ibikorwa vyiwe bishobora guteza imbere ubukerarugendo. Mu bihugu bivugwa ko biteye imbere, akaranga karakomeye cane kandi karinjiriza igihugu bimwe biboneka.

Ubushikiranganji bw’Imico, Akaranga n’Ubuhazampano bwari bukwiye gukura amaboko mu mpuzu bugakamisha ivyo bisata. Ntivyumvikana ingene abahazampano n’abanyakaranga bacu boherera mu bindi bihugu ntihagire igikorwa ngo bagarukanwe. Iryo tunga ry’igihugu rirakwiye kugarukanwa kugira riteze riteze imbere igihugu n’akaranga kacu kamenyekane.  

Ikigaragara… 

Mu ngendo nari nkunze kugira mu misi iheze, naramaramajwe n’ukuntu ibibanza vy’iratiro n’ivyibutso bifashwe nabi mu gihugu cacu. Ikigo c’iratiro c’i Gitega, ic’i Bujumbura, ibigabiro vy’ingoma bitandukanye, ingoro ndangamico n’akaranga,… ivyo bibanza ubiravye birateye ikigongwe. Mbega hoba hariho ibisata vy’ukuri bijejwe gukurikiranira hagufi ivy’ubuhazampano n’akaranga ? Uravye ukuntu ibibanza vy’iratiro bifashwe, wokwibaza ko abantu bigura akaranga batumvirwa hano iwacu kandi n’ibikorwa vyabo ntitubone akamaro bimaze…

Nk’umuhazampano, ndipfuza kubona ubuhazampano mu Burundi bwatejwe imbere, buzwi kandi abahazampano nabo bashobora kubeshwaho n’umwuga wabo. Akaranga n’ubuhazampano bufitiye akamaro kanini ubutunzi bw’igihugu, kurya kw’igitoro mu moteri. Ishirahamwe rijejwe gukingira ibikorwa mvabwenge (OBDA) hamwe n’ubuyobozi bw’igihugu buraba ubukerarugendo bantabare bumve aka kamo.

*ubuhâzampâno= art ; abahâzampâno=artistes

 

Quitter la version mobile