LE JOURNAL.AFRICA
Non classé

« Nta mwana ayaga ivy’urukundo » : ingaruka zavyo

Indero y’ikirundi ntibona neza imigenderanire y’umuhungu n’umukobwa, iyo bakiri bato, batarashika aho bogira umugambi wo kwubakana. Ariko ivyo bigira ingaruka, cane cane iyo hageze ko umusore aresha. Ng’uko vyangendeye.

Ndavyibuka neza. Nkiri umwana muto cane, igihe niga mu mashure y’intango, naguma nipfuza kuba umuntu atinyitse mu kibano. Kubw’ivyo, natanguye kuja kwiga amakarate ndi mu mwaka wa kane w’ayo mashure; kandi vyaranyorohera cane. Maze kubona ko namenye ibitari bike, naciye niyita izina riteye ubwoba: Nyamayingwe. Naranezerwa cane numvise umuntu arimpamagaye. 

Nari nsigaye ntambuka nk’uwutagendera kw’isi, eka n’amaboko yahevye aramugara kubera ukugara. Igihe ninjira mu mashure yisumbuye, naciye ndonka akanya ko kwagura ya myimenyerezo y’amakarate. Mw’ishure nigamwo, nari nzwi cane. 

Uretse ko abahungu bagenzanje bantinya, abigeme twigana n’abo twiga hamwe nka bose bo sinonavuga. Kugeza n’aho n’imeza nari nanditsweko mu gufungura, ntawemera ko bayimutumberezako. No mw’ishure kwari uko; barampunga. Simenye ko bizongarukako.

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Verified by MonsterInsights