LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Uno mwana w’umutwa ati: « Ndafise indoto »

Ahatari hake, abantu bo mu bwoko bw’Abatwa babayeho nabi, hamwe ugasanga ikibano kirabakengera, kikanabaturubika. Ivyo birasesereza ku mitima y’abana bavukira mu miryango ibayeho uko. Uno mwana Mukeshimana, wo ku mutumba Musumba muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi, aratwiganira ubuzima abayemwo.  

Mfise imyaka 8, nkaba niga mu mwaka wa kabiri w’amashure matomato. Mvuka mu muryango w’ abana ndwi. Abavyeyi bose ni ba ntahonikora. No kugira baronke ico batugaburira, biragoye cane. Ikintu conyene kitubeshejeho ni uko mama abumba inkono, dutomboye bakamugurira, tukabona kurara dufunguye. 

Sinoroherwa kuronka ibikoresho vy’ishure. Kubera mama atari bushobore kubumba iziduha ivyo dufungura n’amakaye yanje, nanje yanyigishije kubumba ; aho ni ho nkura amafaranga ngura agakaye canke agakaramu. 

Umuruho udasanzwe

Mvuye kw’ishure, hari aho nsanga bataronse ico bateka muhira, ngaca nduga ku gasoko kuraba ko noronka uwo ntwaza ibintu, akangaburira. N’abo tuvukana, bose bategerezwa kwimenya nk’uko, ubwo ni bwo buzima tubayemwo.  

Akazu tubayemwo kama kaduhenukiyeko. Gasakaje ivyatsi, iyo imvura iguye hoho, turafata imbwa amaboko. Nta n’ivyo dufise turyamako, twisasira ivyatsi vyo mw’ishamba, i...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

RDC: le personnel de la prison de Bukavu dénonce les conditions de détention

RFI AFRIQUE

Tanzanie: les réfugiés burundais de Nyarugusu désormais privés de marchés

RFI AFRIQUE

Les super-héros du Togo

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights